IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > umutekano > Pierre NKURIKIYE:“ Uwudakuye imodoka mw’ibarabara yahapfiriye atozwa ihadabu (...)

Pierre NKURIKIYE:“ Uwudakuye imodoka mw’ibarabara yahapfiriye atozwa ihadabu y’amafaranga ibihumbi 50 ku musi.”

Friday 28 September 2018, by vianney

Mu kiganiro c’abavugizi b’inzego z’igihugu kuruno wa gatanu igenekerezo rya 28 Nyakanga 2018,Pierre NKURIKIYE yamenyesheje ko uwudakuye imodoka mw’ibarabara yahapfiriye acibwa ihadabu y’amafaranga ibihumbi 50 ku musi iyo uheze atayikuyeho.

Pierre NKURIKIYE avuga ko ubushikiranganji bujejwe umutekano bufise uburyo bufasha kuzikura mw’ibarabara ariko ubwo buryo budakwiye mu gihugu hose ariko naho biruko uwa mbere abwirizwa kuyikura ari nyeneyo.

Pierre NKURIKIYE yibutsa abatwaza imodoka iyo ipfiriye mw’ibarabara ko bategerezwa guca bashira imbere y’imodoka yiwe igikoresho cerekana ko imodoka yagize ikibazo kugira bifashe abahaca kugabanya umuvuduko w’imodoka zabo canke akaguma yakije amatara iyo ari mw’ijoro.


Vianney BIKORIMANA

Forum posts

  • Hahaaaa iki gipolisi ntabwo kiri professionel kweri ntabwo rwose imodoka ipfira mu muhanda ngo mirinde gutegereza umunsi wose kugirango mukunde mu muce amande??! hakahombye kuba hari service ibishinzwe ikorana na police lkinyabiziga cyagira ikibazojta kiza kikajya my mabiko

  • imodoka ipfiriye mu muhanda, igomba gushyirwa kuruhande, ikareka, izindi zikagenda, iyo byanze hari imodoka zabugenewe, brake down zitabazwa iyo binaniranye kubimodoka binini, hitabazwa, iza polisi nizi gisilikare, naho kuvuga ngo imodoka ifunze umuhanda icibwa 50 000frb kumunsi,!!!sibyo ikihutirwa nukiyihakura ngo idateza impanuka polisi rero niyo ituma ihavanwa vuba kuko aliyo ishinzwe umutekano wo mumuhanda murakoze!

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.