IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Muri Afrika > RDC: Félix Tshisekedi avuga ko adashobora kuba umushikiranganji wa (...)

RDC: Félix Tshisekedi avuga ko adashobora kuba umushikiranganji wa mbere

Thursday 26 April 2018, by Jean De Dieu

Mu nama yahuje abanywanyi b’umugambwe UDPS urongoye na Felix TSHISEKEDI yamenyesheje ko amakuru avugako ashaka kugirwa umushikiranganji wa mbere w’igihugu ari ikinyoma cambaye ubusa.

Felix TSHISEKEDI yavuze ati:“Nta biganiro biriho kubijanye n’ikibanza c’umushikiranganji wa mbere kuko umugambwe wanje wantoreye kuzokwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu, vyogenda gute nkamanurwa igiti nkaba umushikiranganji wa mbere?”

Félix Tshisekedi yamenyesheje ko ihangiro bihaye mu mugambwe wabo ariyo gutahukana intsinzi mu matora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe mu mpera z’uyu mwakan wa 2018 kugira agarukane igihugu ku murongo mwiza.

Félix Tshisekedi n’umuhungu wa Etienne Tshisekedi WAMULUMBA yahoze atavugarumwe na Reta ya Joseph KABILA yitavye Imana ku mwaka uheze,umuhungu wiwe abona gutorwa mu mugambwe kugira asubirire se wiwe.


Bikorimana Vianney

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.