IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC : Ingwara ya Ebola imaze guhitana ubuzima bw’abantu 27

RDC : Ingwara ya Ebola imaze guhitana ubuzima bw’abantu 27

mercredi 23 mai 2018

Mw’itangazo ubwo bushikiranganji bwasohoye kuruno wa kabiri igenekerezo rya 22 Rusama 2018,ryamenyeshako abantu 51 aribo bamaze gukekwa kuba bafise iyo ngwara kuva ico kiza kitangajwe mu ntango za Rusama,28 nabo vyagaragaye ko bayigwaye,21 bikaba bitaremezwa canke ngo bihakanwe ko bafise iyo ngwara mu gihe abandi 2 nabo bikekwa gusa.

Ivyo vyashikirijwe inyuma yaho hari umuntu yitavye Imana, mu gace ka Wangata ko muri Mbandaka, ibipimo bikaba vyaremeje ko yapfuye agwaye Ebola.

Ibimenyetso biranga umuntu arwaye Ebola n’ukugira ubushuhe burenze, gucika intege, kubabara mu ngingo no mutwe hamwe no mu muhogo,ivyo bimenyetso bishobora kwibonekeza inyuma y’imisi 2 gushika kuri 21 umuntu amaze kwandura.


BIKORIMANA Vianney

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.