IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Muri Afrika > RDC:Jean Pierre BEMBA yemerewe gusubira mu gihugu ciwe

RDC:Jean Pierre BEMBA yemerewe gusubira mu gihugu ciwe

Monday 18 June 2018, by vianney

Umushikiranganji Leonard She Okitundu naho atashoboye kuvuga ko Jean Pierre Bemba ashobora gukurikiranwa n’ubutungane bwa Reta iharanira intwaro rusangi ya Kongo, yavuze ko yagiye ku bushake bwiwe nimba ashaka kugaruka ashobora kugaruka mu gihugu ciwe.

Abacamanza ba sentare mpuzamakungu bavuze ko adashobora kubazwa ivyaha vyakozwe n’abasirikare biwe mu gihugu c’amahanga kandi ko hari amakosa yakozwe mu guca urubanza aho yari yaciriwe imyaka 18 yo gupfungwa.

Jean Pierre BEMBA yari yagirijwe ivyaha vyo mu ntambara hamwe n’ivyaha bijanye no guhohotera agateka ka zina muntu hamwe n’ubugizi bwa nabi bwakozwe n’abasirikare b’umurwi wiwe MLC mu gihugu ca Centrafrique hamwe n’ivyaha vyo gufata abagore ku nguvu mu mwaka wa 2002 na 2003.

Jean Pierre Bemba yabaye icegera c’umukuru w’igihugu wa RDC mu mwaka wa 2003 inyuma y’amasezerano y’amahoro ubu yari amaze hafi imyaka cumi mw’ibohero rya CPI i La Haye mu Buhorande.


Vianney BIKORIMANA

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.