IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC : Reta yasubiye kwibutsa ikiringo ntabanduka abasirikare ba MONUSCO (...)

RDC : Reta yasubiye kwibutsa ikiringo ntabanduka abasirikare ba MONUSCO bazovira mu gihugu

jeudi 5 avril 2018

Ivyo vyashikirijwe n’umushikiranganji w’imigenderanire n’ibindi bihugu Léonard She Okitundu, inyuma y’iminsi mike umurwi w’Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ujejwe umutekano kw’isi,ufashe ingingo yo kwongera abasirikare ba ONU bari muri Kongo ikindi kiringo.

Amakuru dukesha ikinyamakuru Jeune Afrique amenyesha ko, umushikiringanji Léonard She Okitundu yamenyesheje ko ivyo bipfuza, aruko ingabo abasirikare bahurikiye muri MONUSCO boba bavuye k’ubutaka bw’ico gihugu bitarenze mu mwaka wa 2020.

Léonard She Okitundu yamenyesheje kandi ko igihugu ciwe kitazokwitaba inama y’abasanzwe batanga imfashanyo izobera mu gihugu c’Ubuswiswe muri uku kwezi kwa Ndamukiza 2018 aho bitegekanijwe ko izoba ihagarikiwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU hamwe n’ishirahamwe ry’ibihugu vya Buraya.

Reta iharanira intwaro rusangi ya Kongo yashize ahabona ko ishirahamwe mpuzamakungu ONU hamwe n’amashirahamwe ategamiye Reta birenza urugero, mu kuvuga uko igihugu cifashe bakongera bakagishira k’urugero rumwe n’ibihugu vya Siriya,Yemen hamwe n’igihugu ca Irake.

Umurwi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ujejwe umutekano kw’isi watoye ingingo yo kwongera ikiringo ingabo za MONUSCO kw’igenekerezo rya 27 Ntwarante 2018,washikirije ko ufise intumbero yo gucungera umutekano w’abanyagihugu hamwe no gufasha kugira ibihe vyo gutegura amatora ategekanijwe mu mpera z’uyu mwaka wa 2018 bigende neza.


BIKORIMANA Vianney

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.