IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC : Umugambwe UDPS wagenye Felix Tshisekedi kuwuserukira mu (...)

RDC : Umugambwe UDPS wagenye Felix Tshisekedi kuwuserukira mu matora

dimanche 1er avril 2018

Amakuru y’itororknirizo ry’abafaransa AFP, amenyesha ko umugambwe UDPS wamenyesheje ko Félix Tshisekedi, ariwe azowuserukira mu kwezi kwa 12, inyuma y’inama yabereye i Kinshasa.

Felix Tshisekedi yatowe kandi kurongora umugambwe utavuga rumwe na Reta UDPS ku majwi 790 ku 803.

Amatora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe kw’igenekerezo rya 23 Kigarama 2018, inyuma y’ukwigizwa inyuma incuro zibiri.

Umukuru w’igihugu ca Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo, Joseph Kabila, ari ku butegetsi kuva mu mwaka wa 2001, akaba yategerezwa kuba yavuye ku butegetsi mu mpera z’umwaka wa 2016, ahejeje ibiringo bibiri arekuriwe n’amategeko.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.