IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Rugombo: Umusore yakubiswe yongera arakomeretswa yagirizwa kwiba (...)

Rugombo: Umusore yakubiswe yongera arakomeretswa yagirizwa kwiba ikinga

jeudi 2 Ntwarante 2017

Umusore azwi kw ‘izina rya Jean Pierre KWIZERA yakubiswe yongera arakomeretswa yagirizwa kwiba ikinga, mu gace ka Mparambo ya kabiri, muri komine ya Rugombo,intara ya cibitoke.

Amakuru ava aho mu Rugombo amenyesha ko Jean Pierre KWIZERA yakubiswe mu gatondo ko kuri uno wa kane igenekerezo rya 2 Ntwarante,umwaka wa 2017 n’urwaruka ruva mu mugambwe CNDD-FDD rw’aho nyene muri Mparambo ya kabiri.

Mu gipolisi muri komine ya Rugombo baremeza ayo makuru, bakavuga ko abasore bashika icumi bahagaritswe ku mvo z’amatohoza.

Abajejwe intwaro muri komine ya Rugombo bahamagarira abanyagihugu kureka kwihanira, bakabasaba ko mu gihe cose biketse umuntu ko bomushikiriza abajejwe umutekano.


IGIHE

Messages

  • Nibarye Ivyo Babiriye Akuya.

  • YAHOHOTEWEKUKO NTACEMEZAKO ARIWE YARYIVYE DEMOCRATIE NIYONZIMA

  • Ico menyereye muburundi hose umuco wo kwihanira kumuntu yagirizwa icaha c’ubusuma urahari, niyo hoba mwisoko bumvise igisuma bose birukira gukubita, muriyi nkuru ntibisiguye ingene uwu muntu yakubishwe nimbonerakure gusa, birashoboka kuko hariho henshi usanga abantu bose ari aba CNDD-FDD nico gituma mumatora utsinda kubice 80% mugabo naho nyene ntibamukubise mwizina ryimbonerakure, bamukubise nkabenegihugu kurya nabandi bakora amakosa. Mumenyeshamakuru wanditse iyi wiyubare ntiwice akazi kawe kumwe RPA yasanuka abarundi bayifata nkumugambwe wa oposition.

  • Sivyaza kwihanira, nimba bakwivye ikinga basengere Imana izoguhiyindi, bishobotse kubwukwihangana izoguha ibisumba niyokinga. Akarorero, natangu kudandaza iduka nkifise imyaka 18 muntara yakayanza, iryo duka bariharuriye amasaha ryose bari bavyiguranye, ahubwo vyanteye inguvu kurondera ibindi. ubwo narondera baharura baragarutse batwara ikinga nisimu zibiri zari zigezweho nibikoresho vyamfasha kwatsa amatara munzu nomubabanyi banje nabantoza muburyo nkubwo nivyo banyivye vyaradandazwa nkaronka nahovyagurishijwe, ariko navuga nt’I mana uzoshumbushe, ahubwo vyanteye inguvu mukwiruka kurondera ibindi, bidatevye mumabanda muntara ya makamba barahanyibiye bikomeye ndiko ndarondera amashiringi yo kujabukana Tanzania banyihereye amashiringi amwe yamagendo,ndigasuru mwiduka ndiko ndaragura niho nagiye kumenya kwaramashiringi yamagendo, nashe nkuwuvuye kuragirira muyomba . Abobasuma imisi yabo yagiye iragabanuka unomusi bamwe ntabakiriho, nabariho barimubuzima bubi, nanje uwomwami womwi juru atanga atarya, ati reka ndaguterure nabantu bazotangare,none simbayeho? namwe reka kwihanira, umusuma niyakwiba ikinga Imana izoguha ipikipiki, nibakwiba ipikipi Imana izoguha iyamaguru ane nabantu bazotangura kukuvuga kwarivyo wakuyi kuzimu, nukuhamenya utahamenya. Ariko umusuma niyakwiba nawe ukagurukirako nubuhiri mumutwe ati papa, ahubwo uzoburiko uritera imikoshi nukuronka ibindi bizogorana, na reta igufashe uzoruhukira mwibuye kandariwe wibwe, ubuzima bwawe bube buhagaze, umwana wawe atangure kubaho nabi,murakoze.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.