IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Rumonge : Batatu barapfuye abandi batatu barakomereka baguweko n’uruhome (...)

Rumonge : Batatu barapfuye abandi batatu barakomereka baguweko n’uruhome rw’urusengero

mardi 20 février 2018

Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano Pierre NKURIKIYE, amenyesha ko hari nk’igihe c’isaha icumi na zibiri z’umugoroba wo kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 19 Ruhuhuma 2018, aho uruhome rw’urusengero rwahenukiye ku bantu.

Pierre NKURIKIYE avugira ubushikiranganji bw’umutekano amenyesha ko icatumye urwo ruhome rw’urusengero rwa penteko ruhenuka, ari imvura ivanze n’umuyaga yariko iragwa muri uwo mwanya.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano amenyesha ko abakomeretse baciye bajanwa mu bitaro bikuru vya Rumonge.

Mw’ijoro ryo kuw’Imana, abarovyi umunani baritavye Imana, ubwato bwinshi burasambuka mu kiyaga ca Tanganyika, muri iyo komine ya Rumonge nyene. Amakuru ava aho mu rumonge amenyesha ko vyavuye ku muyaga mwinshi.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.