IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ruyigi : Umugabo yafatanywe ibiti 119 vy’urumogi

Ruyigi : Umugabo yafatanywe ibiti 119 vy’urumogi

jeudi 1er février 2018

Uwo mugabo yafashwe azwi kw’izina rya NZANIYE asanzwe avuka aho k’umutumba wa Muhene zone Mugege ,komine Butaganzwa, mu ntara ya Ruyigi.

Amakuru ava aho i Mugege, amenyesha ivyo biti vy’urumogi 119 vyari bitewe mw’itongo ry’uwo yabifatanywe.

Umwe mu bajejwe intwaro muri komine Butaganzwa, akamenyesha ko amakuru ko NZANIYE yoba afise umurima w’urumogi, bayamenye babifashijwemwo n’umurwi w’umutekano uhurikiyemwo bose.

Akavuga ko uwo mugabo yafatanywe urumogi yamaze gushikirizwa ubutungane mu ntara ya Ruyigi.

JPEG - 59.8 ko
Nzaniye, umugabo yafatanywe ibiti vy’urumogi

MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.