IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ruyigi: Umugabo yishe umugore wiwe wa mbere amuziza uwa kabiri

Ruyigi: Umugabo yishe umugore wiwe wa mbere amuziza uwa kabiri

lundi 21 Myandagaro 2017

Amakuru ava mu babanyi b’uwo mugore yishwe amenyesha ko Immelde yishwe nk’igihe c’isaha zibiri z’igitondo n’umugabo wiwe yitwa BARENGAYABO Leonidas amuhora uwundi mugore agira kabiri yagendera.

JPEG - 125.9 ko
Leonidas BARENGAYABO ahejeje kwica umugore wiwe

Ayo makuru nyene amenyesha ko uwo mugabo BARENGAYABO Leonidas yari yaramenyesheje ko azokwica umugore wiwe, ari navyo yashize mu ngiro mu gatondo ko kuri uno wa mbere.

Amakuru dukesha ababa hafi y’ahaba uwo mugore avuga ko inyuma yo kwica umugore wiwe, Leonidas BARENGAYABO nawe yakubiswe cane n’abanyagihugu, arakomereka cane.

BARENGAYABO Leonidas yahavuye atwarwa mu bitaro bikuru vy’intara ya Ruyigi na komiseri w’igiporisi mu ntara ya Ruyigi ari kumwe n’umushikirizamanza mukuru w’iyo ntara.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • UWOMUGORE USANGA YARIMUBATWARE KUGIRA AMUFUNGISHE ABAGORE BARAHAWE UBWIGEGE BWOGUKORA IKIBI UMUVUGISHIJE WEWE WORONKA UMUGORE ATARIJEME NDINZE MESHI NONE IYINGINGO YAPEREZIDA YASHINZE NTISHOBOKA KUBERA ABAGORE BARATERANA ISHAVU VYIZA BASUBIRDMWO IBIBINTU UMUNTU ARONGORE BABIRI KUKO UMUGORE UMWE ARATERA INGORANE MURIVYOSE MUNZU

  • ico Yokorwa Yohamwa Hisunzwe Amategeko

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.