IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > SOS-Torture: 10 barishwe,11 bahagarikwa hadakurikijwe amategeko mu ndwi (...)

SOS-Torture: 10 barishwe,11 bahagarikwa hadakurikijwe amategeko mu ndwi imwe

mardi 21 Ntwarante 2017

Ishirahamwe SOS-Torture rimenyesha ko abantu 10 bishwe ,abandi 11 bahagarikwa hadakurikijwe amategeko, kuva kw’igenekerezo rya 11 gushika kurya 18 Ntwarante,umwaka wa 2017.

Nkuko biri mu cegeranyo c’ishirahamwe SOS-Torture mu bishwe muri ico kiringo, harimwo NIYOMWUNGERE Zachée yahora yigisha kw’ishure nshingiro rya Bukemba mu ntara ya Rutana, inyuma yo gusinzikarizwa ubuzima n’uwurongoye igendereza mu ntara ya Rutana.

Ico cegeranyo kandi kigaruka kw’ihagarikwa ry ‘abanyeshure baserukira abandi muri kaminuza y’Uburundi no muri kaminuza nderabigisha ENS , umuntu umwe yanyurujwe mu ntara ya Bubanza.

Ishirahamwe SOS-Torture rimenyesha kandi ko umugabo azwi kw’izina rya Félix NDAYIZEYE yanyurujwe muri zone Buringa, komine ya Gihanga ,mu ntara ya Bubanza,uwo nawe akaba atawuramenya irengero ryiwe.

Ico cegeranyo ca SOS-Torture kigaruka kandi ku banyororo umunani bapfungiwe mw’ibohero rya Mpimba barekuwe, ariko umukuru w’ibohero akaba yaranse kubaha urupapuro rubaha uburenganzira bwo kwidegemvya.


IGIHE

Messages

  • mubwongereza 4 barishwe 40 barakomereka mukiringo cimisi ibiri. si muburundi gusa vyanditswe kuri igihe.com Rwanda. ntamahoro kwisi si muburundi gusa.

  • Aho Mutagirira Ubwenge Niyomungere Niwe Agize Igitigiri Cabantu Cumi? Uwo Nawe Wiburinga Yanyurujwe Nubu Ntarakaboneka Murahenda Abandi Ivyanyu Bimenyekana Bitaranasoka Kurubuga Twarabahinyuye.

  • Bigeze ba kubwirako a bapfuye mu bwongereza bishwe niperereza igiporisi ni mbonerakure uwo numwasi yanka abongereza iyo ivyo bishitse abongereza bafatana munda bakamurwaniriza hamwe sinkamwe mwirirwa mwica abo mwarijejwe gukingira ahubwo barabe neza ngirango mubagize icogitero nimbonerakure zigombe kuba zirimwo kuko zararwihaye

  • ICO cegeranyo ni nsaku gusa.natubwire kwigihe uwo muntu yicwa acurangujwe numukuru wiperereza kobarikumwe .abobantu bazimira nibo babazimiza babarungitse muri Congo nomugwanda kwiga ivya gisirikare.igitero cabaye mu bwogereza cahitanye nabanyagihugu bafashwe nubu bakigigwako iperereza.komutaratubwira ivyabo uko bimeze.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.