Accueil > Amakuru > ishirahamwe > SOS-Torture: 5 barishwe, 6 baburirwa irengero mu ndwi imwe gusa
SOS-Torture: 5 barishwe, 6 baburirwa irengero mu ndwi imwe gusa
lundi 13 Ruhuhuma 2017
Ishirahamwe SOS-Torture Burundi rimenyesha ko abantu batanu bishwe ,abandi batandatu baburirwa irengero mu kiring c kuva kw’igenekerezo rya 4 gushika kurya 11 Ruhuhuma ,umwaka wa 2017.
Mu cegeranyo ishirahamwe SOS-Torture ryasohoye, rimenyesha ko mu kiringo c’indwi abantu batowe ibiziga mu bice bitandukanye vy’igihugu, abo nabo bamwe bagafubwa batamenyekanye imyidondoro yabo.
Muri ico cegeranyo, ishirahamwe SOS-Torture rigaruka kandi kw’ihagarikwa ry’umukozi w’ishirahamwe ryitaho imbabare Croix Rouge Simon NIMBONA yafatiwe mu ntara ya Karusi ariko akora amatohoza ku bijanye n’umugera wa Sida.
Ishirahamwe SOS-Torture rirangiza rimenyesha ko rigiye gutanguza igikrwa co gushira ahabona abacamanza n’abashikirizamanza bazokoreshwa n’ubutegetsi.
IGIHE
Messages
18 Ruhuhuma 2017, 22:24, par Nzeyimana
Turasavye muzobadushikirize abobabisha binyankaburundi.