IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > SOS-Torture : 8 barishwe, 14 bahagarikwa mu kiringo c’indwi imwe

SOS-Torture : 8 barishwe, 14 bahagarikwa mu kiringo c’indwi imwe

lundi 17 Mukakaro 2017

Mu cegeranyo c’ishirahamwe SOS-Torture Burundi gisohoka ku ndwi, bagaruka ku gitero ca gerenade cabereye mu ntara ya Kayanza, komine Gatara, aho abantu batanu bapfiriye abandi barenga 40 barakomereka.

SOS-Torture Burundi riragaruka kandi kw’ihagarikwa n’abakozi b’urwego rw’igendereza rya Germain RUKUKI umunywanyi w’ishirahamwe ACAT Burundi, kw’igenekerezo rya 13 Mukakaro 2017.

Ico cegeranyo ca SOS-Torture Burundi kimenyesha kandi ko abanywanyi indwi b’umugambwe FNL utavuga rumwe na Reta mu bice bitandukanye vy’igihugu.

Mu banywanyi indwi b’umugambwe FNL bahagaritswe, ishirahamwe SOS-Torture Burundi rigaruka ku mukenyezi NDIWENUMURYANGO Esperance ari mu bajejwe intwaro ku rwego rwo hasi muri Zone Minago,komine n’intara ya Rumonge.Uwo mukenyezi yagirijwe kugirisha inama zitemewe n’amategeko.

Ku bahagaritswe n’urwego rw’igendereza,ishirahamwe SOS-Torture Burundi rimenyesha ko,urwo rwego rutavuga igituma bahagaritswe n’aho bapfungiwe.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.