IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Sagahutu Innocent yigeze kuba intwazangabo y’Urwanda yafashwe ashaka (...)

Sagahutu Innocent yigeze kuba intwazangabo y’Urwanda yafashwe ashaka kwinjira mu Burundi

dimanche 23 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu gisata kijejwe kugenzura abinjira hamwe n’abasohoka mu gihugu ca Tanzania bamenyesha ko bataye muri yompi Innocent Sagahutu, umunyarwanda yigeze kuba ari intwazangabo mu gisirikare c’Urwanda. Muri ico gisata bavuga ko Innocent Sagahutu yashaka kwinjira mu Burundi ata vyangombwa afise.

Sagahutu Innocent yigeze gucibwa urubanza na Sentare mpuzamakungu mpanavyaha yashiriweho Urwanda, ahanishwa umunyororo w’imyaka cumi n’itanu yagirizwa ivyaha vyo mw’ihonyabwoko ryakorewe Abatutsi mu Rwanda. Innocent Sagahutu yaramaze iyo myaka cumi n’itanu y’ugupfungwa, ariko akaba yagumye aho muri Tanzania yapfungiwe, mu kurindira ko aronka ikindi gihugu kimwakira.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, Ally Dadi, umukozi w’ibiro vyo ku Kagera bigenzura abinjira n’abasohoka muri Tanzania, yamenyesheje ko Sagahutu yafatiwe mu karere ka Ngara ko muri Tanzania agerageza kwinjira mu Burundi ata vyangombwa bimwemerera kujayo afise.

JPEG - 236.5 ko
SAGAHUTU Innocent

Innocent Sagahutu avuga ariko ko yari afise ivyangombwa bimwerera kuja mu Burundi, ahubwo ko abamufashe batigeze babigenzura neza, bigatuma bamupfunga iminsi igera kuri 11. Uwo yafashwe amenyesha ko ivyo vyangombwa ari nayo yakoresheje mu kuja muri Mozambique no mu Buswise, akaba avuga ko yari agiye mu Burundi kuramutsa abo mu muryango wiwe.

Innocent Sagahungu ni umwe mu banyarwanda 10 bahejeje ibihano bakatiwe na sentare (TPIR : Tribunal Pénal International pour le Rwanda). Abo bamaze guheza ibihano bahawe barindiriye kuronka ibihugu bibakira.


IGIHE

Messages

  • Eeeeeeehhh, ubu naho DD iravugiki??? Jewe nari ku Murama (Commune Muyinga), imbonerakure, intershamwe, FDLR bamurindiriye ngo zimwakire nk’umwami kuko yaraje kuzifasha amahugurwa nkumu expert muvyo guhonya abantu!!! DD izopfa nabe hamwe nizo mbonerakure zqyo

  • Nivyukuri Ashoborakuba Yarahindutse Mwomugenzura Hama Akarekurwa.

  • Uce Wakira Umwami Yesu Agukize Mwisi Ntabuhungiro Buhari, Turindire Igarukaryiwe, Tujekubananawe Ahatagira Ingorane,

  • wakera wowe urumusazi wirirwa ubundabunda uyerera murwanda ngo niho wabonye ubuhungiro taha iwanyu ujye gufasha abandi mwubake igihugu cyanyu uve mumacakubiri muzarebe ko uburundi butaba nkurwanda ariko nukomeza kubunda kugasenga( inyamata) aho nabonye mwirirwa muzerera mumashyamba mugurisha utwenda mwambara ngo mubone urwagwa ntacyo muzageraho twebwe dufite igihugu kiza kizira amacakubiri na president wacu dukunda ariko mwe nkaho mwatashye ngo mujye kurima iwanyu mwirirwa mubunza inda iwacu murwanda.

  • UWO KWAHEJEJE IBIHANO NI BAMUREKE KUKO NAHA IWACU UHEJEJE IGIHANO UKITWARA NEZA URABAHO CANKE BAMUREKE AJE IWABO !

  • @Kabasinga, Iyi mbonerakure, interahamwe, FDLR ninde yakubwiye ko ndi mu Rwanda! Ndi mugisagara ca Bujumbura kimwe DD yicishije Ubonye utagira iciyumviro ushikiriza kunkuru ysnditswe, you better shut up !!!! God damn you

  • @wakera. Twirwa tubabona hano murwanda mwanitse amenyo. Kuntwaro ya Buyoya mwari mwaramenyereye politique ya muhutu kora hanyuma mututsi nsarure. Ubu bwo ibihe byarahindutse. Mugomba kumenya gukora
    Kuko ayo menyo wirwa ushinyitse i Mahama ntabwo uzayateka mwisafuriya.

  • Uyu WAKERA ni igiceri nyamabondo kimaze guhaga impengeri zi Mahams

  • @Turaje, Hahaha, andika kunkuru yashikirijwe sha nayo Wakera azama aruwakera ntiwomushobora kuvyiyumviro!!!! Utukana, udatukana I don’t care!! Jewe nirabira inkuru ibindi you better stop wasting your time on me!!! Nasobuja yahisemwo kunyegera kubera atakintu afise yoshikiriza ahabandi banyacubahiro baba bakoraniye!! Vyumvikana rero ko mwamaze guta umutwe, noneho ntanico mucambariye!!!!

  • @wakera. Ubu noneho urara urota TURAJE(TARI).Amazina wahora wiyita kera. Uri ingegera kabisa

  • Koyahejeje Ibihano Vyihonyabwoko Ryakabiri Ryomugwanda Nibamureke Atembere Ahashatse

  • Uwutuka Umugabwe Urikubutegetsi Muburundi Ninkokwituka Umugabwe Urikubutegetsi Uzotwara Kugeza Mu 5000f Imana Yongerubongere Ubutegetsi Kugeza Yesu Agarutse Senidd Efudd Izobisikanya Na Yesu Aje Gutegeka Isi Uwutuka Umugabwe Urikubutegetsi Muburundi Abariko Arituka

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.