IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Somaliya : Abantu 15 bahitanywe n’ikibombe catezwe ku murwa mukuru

Somaliya : Abantu 15 bahitanywe n’ikibombe catezwe ku murwa mukuru

vendredi 23 mars 2018

Nk’uko tubikesha iradiyo y’abongereza BBC,abarwanyi b’umuhari Al-Shabaab bavuze ko aribo bakoze ico gitero.

Umuntu yabonye uko ico gitero kiba, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’abafaransa AFP, ko ico giturika kinini caturutse ku modoka itwaye ibombe yari iruhande y’inzu y’uburiro bita Wehliye, abariko baranwa icayi akaba aribo benshi boba bitavye Imana.

Abakurikiranira hafi ibijanye n’igihugu ca Somaliya, bavuga ko ,ibitero vyinshi vya bombe bimaze iminsi bikorwa ku murwa mukuru w’igihugu ca Somaliya,ari ikimenyetso ko umwumvikano muke uri muri Reta, utuma ikibazo c’umutekano cunyuka.


Callixte Carpe NDIKUMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.