IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Muri Afrika > Sudani y’Epfo:Umukuru w’igihugu yatanze ikigongwe kuri Riek Machar n’abandi (...)

Sudani y’Epfo:Umukuru w’igihugu yatanze ikigongwe kuri Riek Machar n’abandi bagwanyi

Friday 10 August 2018, by vianney

Mw’itangazo ryaciye ku mboneshakure y’igihugu ca Sudani y’Epfo,umukuru w’igihugu Salva Kiir yasohoye itegeko inomero 14 ryo mu mwaka wa 2018 ritanga ikigongwe cihariye kuri Riek Machar atwara umurwi witwa SPL-IO hamwe n’iyindi mitwe yose iri mu ntambara na Reta ya Sudani y’Epfo.

Ikinyamakuru The East African candika ko umukuru w’igihugu ca Sudani y’Epfo yategetse abasirikare kwemerera amashirahamwe akora ibikorwa vy’ubutabazi ku bantu bose babukeneye kandi amasezerano ajanye no guhagarika intamabara ategerezwa kubahirizwa.

Mu ndwi iheze niho umukuru w’igihugu wa Sudani y’Epfo na Riek Machar bashize umukono ku masezerano ajanye no guhagarika intamabara, kugabura ubutegetsi hamwe n’umutekano mu gihugu cose mu biganiro vyo kugarukana amahoro vyabereye i Khartoum muri Sudani.

Ayo masezerano abaye aya kabiri ashizweko umukono inyuma yaho ayasinywe mu mwaka wa 2015 atubahirijwe ku mpande zose.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rimenyeshako intambara yo muri Sudani y’Epfo yatumye abantu baharurwa mu bihumbi bahatakariza ubuzima naho abagera umuriyoni nabo bata izabo.

Igihugu ca Sudani y’Epfo caronse intahe yo kwikukira mu mwaka wa 2011 inyuma y’imyaka itarenga 2 ica yinjira mu ntambara yatewe no kutumvikana hagati y’umukuru w’igihugu Salva Kiir hamwe na Riek Machar yari icegera ciwe.


Vianney BIKORIMANA

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.