IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Tchad : Umushikiranganji wa mbere na Reta batanze imihoho

Tchad : Umushikiranganji wa mbere na Reta batanze imihoho

vendredi 4 mai 2018

Amakuru dukesha urubuga rw’iradiyo y’abafaransa RFI, amenyesha ko iyo ngingo yasomwe mw’itangazo ry’ibiro vy’umukuru w’igihugu ryaciye ku mboneshakure y’igihugu, kur’uno wa kane igenekerezo rya 3 Rusama 2018.

RFI ivuga ko iryo bwirizwa nshingiro ryongereza ububasha bw’umukuru w’igihugu, kuko rirekurira umukuru w’igihugu gushiraho Reta, itarimwo umushikiranganji wa mbere hamwe n’icegera c’umukuru w’igihugu.

Iryo bwirizwa nshingiro, rivuga kandi ko umukuru w’igihugu azogena abashikiranganji bakarahira imbere yiwe, mbere umukuru w’igihugu akazoha amwe mu mabanga yiwe abashikiranganji.

Imigambwe itavuga rumwe na Reta, amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike hamwe n’ishengero katorika bari basavye ko iryo bwirizwa nshingiro ryemezwa biciye mu matora, ariko umukuru w’igihugu ahitamwo kuricisha mu naa nshingamateka.

Bitegekanijwe ko rishirwako umukono kur’uno wa gatanu, mu birori biza kuba bitewe iteka n’umukuru w’igihugu Idriss Déby Itno


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.