IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > ’’Ukwezi kwa Nzero kwaranzwe n’umutekano mu gihugu cose’’

’’Ukwezi kwa Nzero kwaranzwe n’umutekano mu gihugu cose’’

mardi 13 février 2018

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kur’uno wa mbere igenekerezo rya 12 Ruhuhuma 2018,umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano Pierre NKURIKIYE yamenyesheje ko bimwe mu bikorwa vyakozwe mur’uku kwezi bigaragaza ko umutekano wari wifashe neza.

Muri ivyo bikorwa vyakozwe bigaragaza umutekano Pierre NKURIKIYE yavuze nk’ibijanye n’irima ry’agatasi,ibiti vyatewe mu gihugu cose n’urwego rw’igiporisi,igikorwa co kwakira impunzu zivuye mu gihugu ca Reta Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo, hamwe n’igikorwa co gusigurira abanyagihugu ivyahinyanyumwe mw’ibwirizwa nshingiro.

Pierre NKURIKIYE avugira ubushikiranganji bw’umutekano amemyesha ko mur’ukwo kwezi kwa Nzero, ibikorwa vy’ubugizi bwa nabi bwibonekeje nk’ibijanye no guhohotera abana,ubusuma bwo mu mirima no mu mazu,ubusuma bw’imiduga,urudandazwa rw’urumogi hamwe n’ubwicanyi bufatiye ku ngorane z’amatongo.

JPEG - 44.2 ko
Pierre NKURIKIYE,Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano

Uwo avugira ubwo bushikiranganji, amenyesha ko bwinshi mur’ubwo bugizi bwa nabi bwatorewe umuti.

Pierre NKURIKIYE amenyeshako ubushikiranganji bw’umutekano bwiteguriye bimwe bikwiye kugira bugwanye ububi bwose bwokwiyadukiza muruku kwezi kwa Ruhuhuma kandi biyemeje gukingira igikorwa co kwandika abazokwitaba amatora yo kwemeza canake guhakana ibwirizwa shingiro yimirije.


BIKORIMANA Vianney

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.