IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Umukuru wa PARCEM yasiguye ivyotuma umukenyezi mwirimizi atera (...)

Umukuru wa PARCEM yasiguye ivyotuma umukenyezi mwirimizi atera imbere

jeudi 8 mars 2018

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kur’uyu wa kane igenekerezo rya 8 Ntwarante 2018, Faustin NDIKUMANA, arongoye ishirahamwe PARCEM, amenyesha ko umunsi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi uhimbajwe, umukenyezi w’umwirimizi ari mu bihe bitoroshe.

Faustin NDIKUMANA avuga ko, mu gihe uburimyi bukorwa ahanini n’abakenyezi b’abarundikazi budashizwemwo uburyo, abo bakenyezi birimizi nyene aribo babazwa, kuko bafatwa nk’abahinga mu burimyi kandi atariko vyari kugenda, bikunyurwa n’uko ata banki n’imwe iraboneka ishigikira uburimyi n’ubworozi vy’umwihariko.

Umukuru w’ishirahamwe PARCEM avuga ko, naho biri ukwo mu gisata c’uburimyi mu Burundi, ivyokorwa biriho, kugira ico gisata kizamuke bafatiye ku mibereho y’umukenyezi mwirimizi.

Faustin NDIKUMANA avuga ko Reta yotanga ivya nkenerwa bikenewe kugira hakorwe uburimyi bwa kijambere nk’amase, imbuto zirobanuwe, amamashini, hamwe n’ibikoresho bifasha kuvomera imirima.

JPEG - 170.2 ko
Faustin NDIKUMANA, umukuru w’ishirahamwe PARCEM

Umukuru w’ishirahamwe PARCEM, amenyesha kandi ko hoba ukwiga neza ko abarimyi bafise ubuhinga bukwiye, hakigwa kandi ko ubuyobozi bw’uburimyi mu ntara bushika ku kivi vy’ukuri, gukarihiriza ubwenge abarimyi, hamwe no gutegura neza imigambi yo kubika umwimbu.

Faustin NDIKUMANA amenyesha ko hamwe igisata c’uburimyi n’ubworozi cogarukirwa, ata nkeka umukenyezi mwirimizi yotera imbere, bivuye ku burimyi akora.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.