Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Umukuru wa PARCEM yasiguye ivyotuma umukenyezi mwirimizi atera (...)
Umukuru wa PARCEM yasiguye ivyotuma umukenyezi mwirimizi atera imbere
jeudi 8 mars 2018
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kur’uyu wa kane igenekerezo rya 8 Ntwarante 2018, Faustin NDIKUMANA, arongoye ishirahamwe PARCEM, amenyesha ko umunsi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi uhimbajwe, umukenyezi w’umwirimizi ari mu bihe bitoroshe.
Faustin NDIKUMANA avuga ko, mu gihe uburimyi bukorwa ahanini n’abakenyezi b’abarundikazi budashizwemwo uburyo, abo bakenyezi birimizi nyene aribo babazwa, kuko bafatwa nk’abahinga mu burimyi kandi atariko vyari kugenda, bikunyurwa n’uko ata banki n’imwe iraboneka ishigikira uburimyi n’ubworozi vy’umwihariko.
Umukuru w’ishirahamwe PARCEM avuga ko, naho biri ukwo mu gisata c’uburimyi mu Burundi, ivyokorwa biriho, kugira ico gisata kizamuke bafatiye ku mibereho y’umukenyezi mwirimizi.
Faustin NDIKUMANA avuga ko Reta yotanga ivya nkenerwa bikenewe kugira hakorwe uburimyi bwa kijambere nk’amase, imbuto zirobanuwe, amamashini, hamwe n’ibikoresho bifasha kuvomera imirima.
- Faustin NDIKUMANA, umukuru w’ishirahamwe PARCEM
Umukuru w’ishirahamwe PARCEM, amenyesha kandi ko hoba ukwiga neza ko abarimyi bafise ubuhinga bukwiye, hakigwa kandi ko ubuyobozi bw’uburimyi mu ntara bushika ku kivi vy’ukuri, gukarihiriza ubwenge abarimyi, hamwe no gutegura neza imigambi yo kubika umwimbu.
Faustin NDIKUMANA amenyesha ko hamwe igisata c’uburimyi n’ubworozi cogarukirwa, ata nkeka umukenyezi mwirimizi yotera imbere, bivuye ku burimyi akora.
MUGISHA Van Naris