IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Umuporisi yagirizwa gushaka kwica umushikirizamanza mukuru wa Rumonge (...)

Umuporisi yagirizwa gushaka kwica umushikirizamanza mukuru wa Rumonge yiyahuye

vendredi 8 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Uwo muporisi yagira agandagure uwo mushikirizamanza yamusanze mu biro kuri uwu wa kane, yitwaje imbugita, akaba yateshejwe n’abaporisi bacungera umutekano w’uwo mushikirizamanza.

Mu gihe vyari bitegekanijwe ko aciribwa urubanza rw’ikibiriraho, Sentare nkuru ya Rumonge yafashe ingingo y’ukuzobandanya kumwumviriza kuri uwu wa gatanu, kuko vyari vyamenyekanye ko afise abandi bari kumwe muri uwo mugambi w’ukugandagura uwo mushikirizamanza.

Mw’ibohero aho yari yaraye, uwo muporisi yiyahuye akoresheje umusegetera, akaba yasize yanditse urwandiko tutashoboye kumenya ibirimwo.

Mu butungane mu ntara ya Rumonge bamenyesha ko bazokorera kuri urwo rwandiko, kugira bashobore kubandanya amatohoza ku catumye uwo muporisi agerageza kugandagura umushikirizamanza wa Repuburika mu ntara ya Rumonge, hamwe n’abo bari kumwe muri uwo mugambi.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • None aboba barabimutumye ubu ntacirwa bahakuye?Nibareke abarundi bitekanire .Koyiyahuye ntakundi .Nagende nawe nyene yagomba kwica abarundi barayamaze bati urugerera mu kaso rugatwara nyoko.

  • Ubwo nububeshi nimwe mwamwishe!
    mwibohero hafungiwe amasinzi ya bantu ntamuntu yoshora kuhiyahurira never.
    Akokajede mwama mwako turakamenyereye.

  • Ko ubutungane bwamufashe agafungwa, hanyuma akagwa mu minwe yabwo wumva hatarimwo amahinyu? Ahubwo biteye amakenga, ubutungane ni bwaba bukiriho ni ugukorera ubwa mbere kuri uwo mushikirizamanza. Nta muntu ashobora kwiyahura aboshe atari mu Burundi. Noneho urumva ko nivyo badandikanya ko yashatse kwica uwo mucamanza ko bidafashe kuko yari acungerewe bikomeye. Ikosa ni uko yari umupolisi, ivyo navyo ni ibisanzwe kuva 2015.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.