IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Umusirikare yitegurira kuja mu gikorwa co kugarukana amahoro yapfuye (...)

Umusirikare yitegurira kuja mu gikorwa co kugarukana amahoro yapfuye yirashe

dimanche 27 Myandagaro 2017

Uwo musirikare yirashe yari azwi kw’izina rya NDIZEYE w’ipete rya Caporal Chef,akaba yari mu murwi ugira 45 w’abasirikare bitegurira kuja mu bikorwa vyo kugarukana amahoro mu rwego rwa AMISOM.

Caporal Chef NDIZEYE yirashe ku mugroba wo kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 26 Myandagaro 2017,ari mw’ikambi ya Gakumbu aho yari arindiririye kuja mu gihugu ca Somaliya.

Mu gisirikare c’Uburundi bamenyesha ko bigoye kumenya icatumye yirasa, kuko ata butumwa yasize bwaba ubwanditse canke ubwo ku munwa.

Caporal Chef NDIZEYE yari mu murwi w’abasirikare bafasha guterura abagize ibibazo (Brancardier).


MUGISHA Van Naris

Messages

  • reka,reka reka,reka reka,reka reka,reka reka,reka reka,reka reka,reka reka,reka reka,reka reka,reka
    muhejeje kumugandagura none ngo niwe yirashe reka guhenda abarundi.....ivyo mukora vyose bizoteba bimenyekane.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.