IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Urunani rwishinze kurwanya ubuzima buzimvye rusaba irekurwa ry’umukuru wa (...)

Urunani rwishinze kurwanya ubuzima buzimvye rusaba irekurwa ry’umukuru wa COSYBU

vendredi 30 Kigarama 2016

Urunani rwishinze kurwanya ubuzima buzimvye mu Burundi rusaba irekurwa ry’umukuru w’ihuriro ry’amasendika mu Burundi COSYBU akaba n’umufasha w’umurongozi w’urunani rwishinze kurwanya ubuzima buzimvye Tharcisse Gahungu .

Mw’ikete Gabriel Rufyiri aserukira urunani rwishinze kurwanya ubuzima buzimvye mu Burundi yandikiye umuhuza w’abarundi Edouard Nduwimana amumenyesha ivy’ihagarikwa rya Tharcisse Gahungu arongoye COSYBU, Gabriel Rufyiri amenyesha ko yahagaritswe yagirizwa kugirisha inama ata burenganzira yahawe n’ubuyobozi bwa OTB,gusaba abakozi ba OTB gushinga Sendika kandi ata burenganzira babifitiye no kuba yarasavye ko abakozi ba OTB bokwongerwa umushahara.

Gabriel Rufyiri amenyesha umuhuza w’abarundi ko naho yibagiye gutanga urwandiko rumenyesha inama ku baybozi ba OTB, abakozi bafise uburenganzira bwo guhurira hamwe, bakaja muri sendika bakagira kandi n’amanama hisunzwe amategeko ari mw’ibwirizwa nshingiro.

Gabriel Rufyiri avuga ko Tharcisse Gahungu yubahirije ibwirizwa nshingiro, agasba umuhuza w’abarundi hamwe n’abandi bose basoma ikete yarungikiye umuhuza w’abarundi gufasha kugira umukuru w’urunani rw’amasendika Tharcisse Gahungu arekurwe asangire iminsi mikuru irangiza umwaka ari mu muryango wiwe.

Mu kurangiza, Gabriel Rufyiri amenyesha ko Tharcisse Gahungu ari umunyamahoro, kandi yama akora mu kurondera ukubaho neza kw ’abakozi n’iterambere ry’igihugu.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.