IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Zimbabwe : Abimba inzahabu bishikirije itongo rya Grace Mugabe

Zimbabwe : Abimba inzahabu bishikirije itongo rya Grace Mugabe

vendredi 30 mars 2018

Amakuru dukesha ikinyamakuru Newsday avuga ko Grace Mugabe yasanze abagabo 400 bimba inzahabu bariko barandura ibiti vy’indimu, bimba mu nyuma bongera bapakira ubutaka bw’inzahabu mu makamyo aca abitwarira ku giporisi.

Abo bagabo baranzwe n’ugushinyaguriza umutambukanyi w’uwahoze ari umukuru w’igihugu, kuko bamubwira ko atabubasha agifise bwo kubakura muri iryo tongo ryiwe ko ubu hari ubutegetsi bushasha.

Iryo tongo riri ahitwa Mazowe ku birometero 40 mu buraruko bw’umurwa mukuru wa Zimbabwe, yarikuyemwo abanyagihugu ku nguvu, igihe umugabo wiwe yarakiri ku butegetsi

Mu mwaka uheze, umupfasoni Grace Mugabe yarakoze ukwo ashoboye,kugira arabe ko yosubirira umugabo ku burongozi bwa Zimbabwe, ariko abo mu mugambwe uri ku butegetsi Zanu PF ntibabishigikiye, baca bakura Robert Mugabe ku butegetsi mu kwezi kwa 11, aca asubirigwa n’uwo bakoranye imyaka myinshi Emmerson Mnangagwa.


Oscar NDAYISHIMIYE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.