IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Zimbabwe : Igiporisi catanguje amatohoza kuri Grace MUGABE

Zimbabwe : Igiporisi catanguje amatohoza kuri Grace MUGABE

lundi 26 mars 2018

Amakuru dukesha urubuga rw’iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko Grace Mugabe yagurishirije hanze bidaciye mu mategeko amenyo y’inzovu, ku mafaranga aharurwa mu mamiriyoni y’amadorari, mu Bushinwa, mu mihugu vy’abarabu no muri Amerika.

Ayo makuru nyene, amenyesha ko,umuvugizi w’igiporisi ca Zimbabwe,yabwiye ikinyamakuru ca Zimbabwe Sunday Mail, ko amatohoza yatanguye kuri Grace MUGABE.

Ibiro vy’umukuru w’igihugu muri Zimbabwe vyasavye uwurongoye ikirindiro c’ibikoko "National Parks agency" gutanga uruhusha ngo amenyo y’inzovu ashobore kuja kugurishirizwa mu Bushinwa.

Adrian Steirn, umufotozi w’ibikoko vyo mw’ishamba ava mu gihugu ca Australiya, yavuze ko yasanze hari umurwi ukorana na Grace MUGABE,amaze amezi akorera mu kinyegero muri Zimbabwe.


Callixte Carpe NDIKUMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.