IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ababuranira urwaruka rwafatiwe kwa Nyakabeto biteze ko ubutungane bubambika (...)

Ababuranira urwaruka rwafatiwe kwa Nyakabeto biteze ko ubutungane bubambika izera

vendredi 18 Ndamukiza 2014

Urubanza rw’urwaruka rwafatiwe kwa Nyakabeto Justin mu Ngagara rwashizwe mu mwiherero. Ababuranira urwo rwaruka bamenyesha ko bizeye ko ubutungane buzobarekura, kuko bagirizwa ivyaha bitagira ivyemeza.

Ababuranira urwaruka rwafatiwe ku rugo rwa Nyakabeto Justin mu Ngagara barunguruje urubanza muri sentare isubiramwo imanza, inyuma yaho urubanza rwa mbere ruciriwe muri sentare ikukira Mairie ya Bujumbura.
Ababuranira urwo rwaruka bunguruje kuko bavuga ko umushikirizamanza yagirije urwo rwaruka imigumuko, ariko ntiyerekane ingene bagumutse, uko vyari bitunganije, hamwe n’ababitunganije.

Kubw’umushingwamanza Amedé Nzobarinda, umwe mubaburanira urwo rwaruka, ubutungane ntibushobora gukorera ku mwikeko, canke ku mabwire, ivyo akabivuga yisunze ko benshi muri urwo rwaruka bafashwe bariko bararengana, abandi bagafatwa bari kw’irembo imbere y’aho baba, mbere hakaba harimwo n’abakozi bo mu nzu, hamwe na bamwe muri urwo rwaruka bafashwe bari ku mihana iwabo. Abo baburanira urwo rwaruka basavye umushikirizamanza ko yokwerekana uruhara rw’umwe wese muri abo yagiriza ikiroberi, yongere yerekane n’ingene categuwe, n’ico bashaka gushikako. Muri urwo rubanza, umushikirizamanza yaragiriza wenyene, agasubira akibera n’icabona. N’aho atashoboye gutomora, umwe wese akagirizwa ku gatwe kiwe atari mu kivunga, urubanza rwaciye rushirwa mu mwiherero. Bitegekanijwe ko ruzosomwa ku genekerezo rya 2 Rusama 2014, abo baburanira urwo rwaruka bakizera ko abo baburanira bazokwambikwa izera, kuko bariko bazira umwikeko.

JPEG - 47.3 ko
Umushingwamanza Amedé Nzobarinda, umwe mubaburanira urwaruka rwafatiwe kwa Nyakabeto Justin

Tubibutse ko Sentare nkuru ikukira Mairie ya Bujumbura yaciriye urubanza urwaruka 19 rwagirizwa ikiroberi, ugutuka umukuru w’umurwi CNTB, hamwe n’ugutera amabuye abaporisi. Urwo rwaruka rwari rwafashwe igihe umurwi CNTB wari wagiye gusohora ku nguvu Nyakabeto Justin mu nzu iri mu Ngagara. Urwo rwaruka rwaciriwe umunyororo w’imyaka itatu, hamwe n’amande y’ibihumbi mirongo itandatu.


Egide Nduwimana

Messages

  • Nibakosore abo bagumutsi.bibaza ko gwitaha kumwe kwakera,ntibashaka kuvirira ivyo base babo banyaze abahutu,muga murahumba mutegerezwe kubisubiza,ugasangwa mudashaka induru.subiza ibinyagano mwa ba tutsimwe,namba mushaka ko tubana mumahoro.

  • @Mwarimu we.Iyo mvugo ntiyubaka imitima ahubwo irayisambura.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.