Accueil > Amakuru > umutekano > Abajejwe umutekano basabwa kurwiza inguvu mu gutuza uturwi tugisibije
Abajejwe umutekano basabwa kurwiza inguvu mu gutuza uturwi tugisibije
vendredi 31 Gitugutu 2014
Mu nama yahuje mukuru w’igihugu na bamwe mu bashikiranganji i Mbuye mu ntara ya Muramvya, ikibazo c’umutekano nico cari kw’isonga.
Muri iyo nama yabereye mu mwiherero kuri uyu wa 30 Gitugutu uyu mwaka, umuyobozi mukuru w’igiporisi Andre Ndayambaje, akaba yabariye abamenyeshamakuru ko umukuru w’igihugu yibukije inzego zijejwe gucungera umutekano akazi zikora, ndetse no gutuza burundu imirwi yitwaza iterabwoba.
Ku bijanye n’ukurwanya iterabwoba, umuyobozi mukuru w’igiporisi akaba yavuze ko umuntu umwe yafatiwe ku rubibe Uburundi buhana na Tanzaniya, maze araheza ajanwa kugirwako amatohoza. Amatohoza ya mbere akaba yerekana ko uwo muntu yafashwe yoba yari mu bantu bitwaza iterabwoba, gishasha gusa akaba ari uko we ari umurundi. Umukuru w’igihugu rero akaba yasavye abaporisi kugwiza inguvu mu gutuza iyo mirwi yitwaza iterabwoba yose iyo iva ikagera.
Nayo ku mutekano muke umaze iminsi uvugwa mu ntara z’umugamba, umukuru w’igihugu asaba ajejwe umutekano kwegera abanyagihugu, kandi barwize inguvu mu kugarukana umutekano muri ako karere no kugarukanira icizere abanyagihugu bamaze iminsi baterwa ubwoba.
Aristide Nizigire
Messages
31 Gitugutu 2014, 17:54, par arsenal
muzumirwa
31 Gitugutu 2014, 19:33, par Bigirimana
Ivyo nivyiza cane
31 Gitugutu 2014, 20:30, par @#
aho rero nyakubahwa perezida ukaja ura remesha abanyagihugu mugukora ico watorewe.kandi ntibibe amasigara cicaro
31 Gitugutu 2014, 21:01, par Kassim
Tuje inama n’ingingo twubake igihugu cacu
31 Gitugutu 2014, 23:28, par Saido
@Arsenal.Wewe sha wamunyarwanda utwo tujambo wama uvuga ngo muzumirwa imisi yose erega tumaze kumenya uwuriwe kandi ndazi ko imigambiyanyu na sobuja wawe Kagame yabananiye kuko mwasanze Uburundi rutitaha hhahah mwari mwibajije ko ari Congo ngo muzumirwa ahubwo mwebwe mugiye kumirwa twebwe Abana babarundi tugira ico bita contre attaque.Mugiye kumirwa kuko nimwe mwatwiteye ntangorane twari dufitanye namwe mugabo kubera ubuturage(ubujuju)bwanyu tugiye kubereka ko mwagira mukore mujisho ry’intare
1er Munyonyo 2014, 03:37, par So
KOMERA NYENICUBAHIRO UMUKURU WIGIHUGU CACU CUBURUNDI DUKUNDA KIKADUHIMBARA , TURAKWUBAHA NAYOWAGERA MUMAKUNGU UWUKUBONYEWESE YIFUZA KUGUKORA MUNTOKE NOKUKURWAMUNDA WEWE PRESIDENT WACU.
1er Munyonyo 2014, 05:41, par THEONESTE
komera nyakubahwa umutekano ninkoramutima, mugihugu. kanatsinda ninawo watumye. duhagurukirarimwe, mugihe giheze. menya ko wimitswe nimana. naho bizwinabake, nonero turakwinginze. hagurutsa abobose babijejwe. bahagararire umutekano, abihaye ingendo y’akarimi ubareke bavuge.
1er Munyonyo 2014, 08:32
ibivurwa buravurwa,ariko ingiro igahera munzira.reka twizere kobigiye guhinduka ataraho naho turagiye gushira nkabana binyoni tudakanuye ngo tubone
3 Munyonyo 2014, 21:07, par makara
Ramba mukuru wigihugu cacu kuko utwarira bose.iyoba umugesera hariho bamwe baba barahunze igihugu.mugabo rero urabe uhindure umukenyuromukugabanya ikigongwe cinshi ufise kuko iyari democratie yahindutse libertinage.nubundiko imfashanyo zahagaze kubera izo societe civile na opposition vyirirwa birarementanya,nukubahindurira ukaba dictateur hama tukaraba icobakora!gusa barihenda kuko nabenewabobabihomberamwo.ramba Sebarundi
3 Munyonyo 2014, 21:29, par BAINO
MBEGA BASHA VYAGENZE GUTE?,NIGAKE MWANDIKA MUSHIMIRA UMUKURU WIGIHUGU CANYU.UMUTKANO TWESE URATURABA.
4 Munyonyo 2014, 11:26, par ru
Komera nkuru y’umutumba nako nkurunziza , mugabo ntuzamenya ikigukubise