IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abamenyeshamakuru ba Bonesha FM bahatswe kugandagurwa Imana (...)

Abamenyeshamakuru ba Bonesha FM bahatswe kugandagurwa Imana irakinga

mardi 28 Ndamukiza 2015

Abamenyeshamakuru ba Bonesha FM bahatswe kugandagurwa n’urwaruka rw’Imbonerakure, rwitwaje ibirwanisho nk’inkoho n’imipanga muri komine ya Kanyosha, musitanteri w’iyo komine arorera.

Abo bamenyeshamakuru bakaba bariko barakurikirana amakuru ajanye n’imyiyerekano muri komine ya Kanyosha. Eloge Willy Kaneza umwe mu bamenyeshamakuru yahatswe kugandagurwa, avuga ko urwaruka rwitwaje ibirwanisho n’amahiri arimwo imisumari, rwaje ruvuye mu Ruziba kw’itegeko ryoba ryatanzwe na Adolphe Nshimirimana yahoze arongoye urwego rw’igendereza, kugira ruze gufasha abandi bo muri iyo komine. Urwo rwuka rwahatswe kubagandagura abo bamenyeshamakuru , bavuga ko rwagumye rubakurikirana, rurateba rubazibirirako inzira ruranabakubagura.

JPEG - 23.2 ko
Eloge Willy Kaneza umwe mu bamenyeshamakuru yahatswe kugandagurwa

Abo bari mu muhari w’Imbonerakure za CNDD FDD bakaba baguma bagiriza abo bamenyeshamakuru ko baje gutanga ibirwanisho, mu kubasatira rwose, kugira babagirire nabi. Abo bamenyeshamakuru, naho barekanye ikara zabo, izo Mbonerakure zo, ukaba wamenga zariye amavubi, kuko zasa n’izigira zibaravye. Abo bamenyeshamakuru bakaba bakubaguwe musitanteri w’iyo komine ya Kanyosha ari hakurya gato.

Izo mbonerakure zikaba zakubise n’akana gato k’imyaka nka 10, abo bamenyeshamakuru babona. Abakubaguwe rero bakaba bari nka Eloge Willy Kaneza, Andre Gakuba, Gildas Yihundimpundu bari kumwe n’umudereva wabo.


Aristide Nizigire

Messages

  • Iryo Nibara Ntaho Vyakabonetse Amakungu Nafashe Uburundi Nayahandiho Uburundi Turabubura Tububona Ninterahamwe Zamaze Gushikayo Kumakuru Dufise Kumutakura Bahejeje Gufata Babiri Umwe Afise Urupapuro Rumuranga Gwavuye Mubufaransa Mana Kingira Uburundi

  • NIVYO NI KUBARABA NEZA KUKO ABAMENYESHAMAKURU BAMWE BAMWE BARIKO BAKORANA NA KAGAME KUGIRE BAZE GUTERA IMIDUGARARO MU GIHUGU CACU BAKOKEZA INGWANO KUGIRE BAVUGE KO INTERAHAMWE ZIRI BUJA KUGIRE KAGAME ACE ARUNGIKA INKOTANYI KWICA ABENEGIHUGU ARIKO HARIGIHE IMANA YOKINGA NTIHAGIRE IKIBA.

  • Ndasavye Imana Yacu Data Wa Twese Ari Mw Ijuru Adufashe Adukingire Kuko Ubwacu Ntaco Tucishoboje. Nakamaramaza Kubona Abamenyesha Makuru Bakubagurwa Musitanteri Atwara Abona! Bamenyesha Makuru Mwihangane Ntamvuridahita Buzoca, Kandi Ntamwana W Umuntu Abafiseko Ububasha Sof Imana Gusa.

  • Nduwimana genda hiyo ivyanyu vyaramenyekanye mwabinwamarasomwe mwe na so wanyu peter ivyo mukora vyose bigiye kuja ahabona Imana ibagaragaze

  • ewe wiyita nduwimana ndagusavye uhore ahandi hoho uhava usara mumutwe va kuri kagame nurabe ibiri mugihugu cawe abe arivyo uvuga nayo kagame muveko hiiiiiiiiiiiiiiii

  • basha ndibazako igipolisi atari icaleta aricumugambwe cndd fdd

  • N’akamuna n’ibara kubona uwokinze ikibi ariwe agihagarikira.Turababaye cane.reka dusabe amakungu arabe ibiriko bibera mu burundi,agire ico afasha.

  • SIO MPANGO KU UA ILIKUA ENZI HIZO ILA NAWAOMBEA MUNGU ATAWANUSULU NA MAJANGA.

  • Mbega amaradiyo ntabutumwa bw’ihumure yoshikiriza aho gushikiriza canke gukokeza? Iyaba ndibo novuze nti. "BARAUNDI, BARUNDIKAZI, NAHO IVYO BIRUKO, MWIBUKE KUBUMBATIRA AMAHORO, MWIBUKE KO UMUBANYI ARI WE MURYANGO"

  • Mana turasavye izo nterahamwe kozosubi iwabo

  • Reka baba honde nibobabi tumye haduka imigumuko

  • Nibara, Nibara Aho Se Wabana Asigaye Yiyumvira Kwica Abana Biwe Mbeya Abariko Bahunga Bose Sabotoye? None Bazotorwa Na Bande? Hasigaye Ahimana Yonyene Yitabarire Abayo.

  • Hahahahh NDUWIMANA we urumva Kagame kwica abanyagihugu b’Uburundi vyomumarira iki kweli? raba ivyaho Kagame umwihorere gwose, afite igihugu ayoboye kandi akunda, n’abanyagihugu bamukunda, ureke Peter arimo kwica abo ayobora

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.