IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Impunzi z’abarundi zivuga ko zihunga umutekano muke n’iterabwoba (...)

Impunzi z’abarundi zivuga ko zihunga umutekano muke n’iterabwoba (Video)

samedi 25 Ndamukiza 2015, par Jean De Dieu

Abarundi bahungira mu Rwanda babandanya kwiyongera, aho bivugwa ko hamaze guhunga abantu bashika ibihumbi 11.

Seraphine Mukantabana, umushikiranganji ajejwe gukurikirana ibibazo vy’impunzi n’ibiza, akaba avuga ko izo mpunzi zose zahawe uburenganzira bwo kuba mu Rwanda. Yavuze ko Urwanda rwafashe iyO ngingo rufatiye ku gitigiri c’impunzi z’abarundi zibandanya guhungira mu Rwanda ku bwinshi, kuko ku munsi bakira n’imiburiburi impunzi 800. Yavuze ati’’Iyo ngingo yo guha impunzi z’abarundi uburenganzira bwo kuba mu Rwanda nk’impunzi gitegekanywa n’ingingo ya 13 y’amategeko agenga impunzi yateweko umukono mu 1951, aho abantu bahunga mu kivunga, bahabwa ubwo burenganzira utabajije umwe umwe icatumye ahunga.’’

Abo barundi rero bakaba baciye batangura kwimurirwa mw’ikambi iri kure y’urubibe Uburundi buhana n’Urwanda.


IGIHE

Messages

  • Abanyarwanda ejo kuri gahuzamiryango bavuzeko bashobora kwakira abarundi 50000,ni bagende ariko abaturanyi muze mumenya abagiye murwanda kuko nabansi buburundi hamwe nigihugu curwanda

  • NTIBITANGAJE KUBONA ABO BAPFASONI BAGIYE KURONDERA AHO BARYA BICAYE BAHABW,INTETE Z,IBIGORI N,UBUSHAZA .MUGABO AYO MATONGO BATA AZOBAGORA GUSUBIRA GUTABIRA MBE HAMWE BORINDIRA K,URURORO RUSOHOKA BAKABURA BAZOGARUKA NGW,IKI BAZOBIHERARA HE NGIRA NIBAMWE BAVA MU MISIRI BISUBIRIYEYO NIBA HARIMW,ABASENGA BAFIS,UKWIZERA GUKE

  • Baraduha ubureta,imisegetera,imikeka...kandi iburundi ntavyo twagira.hahahaa
    réfugies économiques.

  • nukuri abo baturanyi bihangane Uwiteka arabazi kandi ibibazo ku isi bizoshira tuje aho twoteguriwe hataba intambara nkizo mwisi

  • Melchiade Imana ikubabarire..Ariko ntekereza nawe ushobora kuba uri umwe mu batera ubwoba aba baturanyi bacu. Abantu ibihumbi urumva bahunga kubera gushaka kurya bicaye?Ndasaba Imana ngo igarukire uburundi kandi izo mbonera kure zimenye ko Imana ihora ihoze ikibi gisubirizwa ikindi. Kuba bata ingo zabo uko niukubashinyagurira.Nta wakwemera kwicwa abona erega si ibicucu nshuti yanjye.Kandi nibaze barisanga tuzabakira neza kuko ntacyo twahaye Imana ngo tube turi mu mahoro.

  • Ego U Rwanda Rubamwo Imfura.Nibakire Abobenewacu Natwe Turinyuma Nitwaronka Ahoduca

  • Ego U Rwanda Rubamwo Imfura.Nibakire Abobenewacu Natwe Turinyuma Nitwaronka Ahoduca

  • none.gushakagutwara abaguhunga bimaziki nibikebuke ntahobibashikana numwamifarao..yarananiwe

  • Mwizere Umukama,
    Iyo abantu bibagira Umukama nuko bitegerezwa kumera. Kandi barundi mwese ayo macakubiri mwitwaza imbere y’umukama twese turangana uri umuhutu, umututsi, umuzungu, wirabura twese turi bamwe. Imana ibagarure mwese yamane namwe mwizina RYA Yezu Christu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.