IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Amagerenade 12 yatewe yakomerekeje abagera kuri 20

Amagerenade 12 yatewe yakomerekeje abagera kuri 20

mardi 23 Ruhuhuma 2016, par egide

Igiporisi c’Uburundi kimenyesha ko abafashwe bariko bahungabanya umutekano kuri uwu wa mbere n’uwa kabiri, biyemereye ko bariko babikora mu ntumbero y’ukwerekana ko umutekano udahari i Bujumbura. Abagera kuri 20 nibo bakomerekejwe n’amagerenade 12 yatewe nk’uko vyamenyeshejwe n’umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi.

Mw’itangazo ubwo bushikiranganji bwasohoye kuri uwu wa kabiri, mu bijanye n’ingene umutekano wari wifashe muri iyi minsi ibiri umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ban Ki-Moon yari mu rugendo mu Burundi, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi OP1 Pierre NKURIKIYE yamenyesheje ko kuva kuri uwu wa mbere mu gatondo, gushika kuri uwu wa kabiri, hatewe amagerenade 12 yica abantu babiri, abandi 20 barakomereka harimwo n’umusirikare. Abagera kuri cumi muri abo bakomeretse bakaba barababaye cane.

JPEG - 95.5 ko
OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi

« Inkozi y’ikibi imwe mubariko batera ayo magerenade yarishwe, abo bari kumwe 17 barafatwa n’abajejwe umutekano. Amagerenade atatu yari yateguwe guterwa yarafashwe.», OP1 Pierre NKURIKIYE akamenyesha ko abafashwe bavuze ko bashatse kwereka Ban Ki-Moon ko umutekano udahari i Bujumbura.

Ibirwanisho vyafashwe

Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi akamenyesha ko kuri uwu wa kabiri, ibirwanisho vyafashwe mu Nyakabiga, bikaba bigizwe n’inkoho imwe yo mu bwoko bwa Kalashnikov n’igikono cayo cuzuye amasasu hamwe n’ayandi masasu amajana ane.

Mu giporisi bavuga kandi ko hafashwe n’umwambaro umwe w’ibirato vya gisirikare, hamwe n’imyambaro ibiri y’impuzu za gisirikare zirinda imvura.


IGIHE

Messages

  • Iryo nirementanya ryankurikiye na shebuja wiwe nkurumbi ntawuyobewe ko Ayo magerenade arimwe muyatanga kumbonerakure mukanabigisha nokuyatera kugirango mukomeze gufata abomwipfuza gufata nokubicira ubusa mugabo ico nobwira nkurikiye akokarimi yameze kokwama ariko aravuga ibinyoma hazogera aho azicara akatubwiza ukuri intahe niyamara gufata ijambo

  • Nzoba Mbona Iherezo Ryibi Ndi Kwumva!Nsigurira Ukuntu Botera Amagrenade Mu Bibnza Bitandukanye Bagatako Bakabafata,mu Kanyango Bagomba Gucuvya Umutekano?Uuuuhh

  • Ntwutera Grenade Atari Imbonerakure.Ahubwo Bakwiye Kwisubirako,bareke Kurenganya Abantu.

  • nyakubahwa,ntimubonakomuzohavamwibeshera.nyimb’aribirayabategwa.sigerenade. uracarumusorentuzurabesha.ikinyomakirandukira.uzohava,ugirubwengenkapita.urabona, ukuntu.akinishabazungu

  • Barundi Muriko Muhendwa Ngo Genda Mutere Grenade ugende wibaza ko ufashwe mubagutumye ntawe uzobona akuburanira nico kibabaje ntuzotera 4 utarafatwa amaraso arahuma woja gukora ivyaw vyogufasha kuko iyo nindyankurye.ushaka gupima bandanya urabe inama nobabwira mwebwe mutarafatwa kujahantu mukibaza uti mbega turiko duharanira iki?abadutumye bariko batera intambwe iyihe?nahukwibaza kumw’umwe.

  • Uko Vyatanguye Siko Bikiri!Igipolisi Ni Kibandanye Gihasha Abatera Izo Grenade Bazoheza Babone Ko Iyo Nzira Ija Mu Gaheza.Nohanura Gusa Urwo Rwaruka Ruhendwa Bubivamwo Kuko Ari Rwo Ruhahombera.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.