IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Bakoresha ibipapuro vya magendu kugira baronke akazi

Bakoresha ibipapuro vya magendu kugira baronke akazi

mercredi 11 Ruhuhuma 2015, par IGIHE

Ubushomeri bwabaye ndanse mu Burundi busigaye butuma urwaruka rumwe rumwe rurondera ibipapuro vya magendu kugira buronke akazi, ivyo bikaba vyagabishijwe n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya umugera wa Sida.

Nk’uko vyashikirijwe na muganga Thadée Ndikumana umuvugizi w’ubwo bushikiranganji, bipfuza kuvunira akagohe abantu kubera ingendo isigaye ihari yo gukoresha ibipapuro vya magendu. Ivyo bikaba vyashitse i Karusi n’i Muyinga, Bururi na Bubanza.

Muganga Thadée Ndikumana amenyesha ko hari umusore wo mu ntara ya Karusi yerekanye ikete rivuga ko ubushikiranganji bw’amagara y’abantu aribwo bwamuhaye akazi, bukaba ari nabwo bwamurungitse. Mu nyuma yo gusuzuma impamyabushobozi yari yatanze basanze yatanze idosiye ya magendu.

JPEG - 57 ko
Muganga Thadée Ndikumana, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu n’ukurwanya ikiza ruhonyanganda Sida

Mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya umugera wa Sida bakaba basaba abaganga bajejwe intara z’ubuvuzi hamwe n’abarongoye ama districts kurikanura mu kuraba ko amadosiye yose y’abakozi babo ko akwije ibisabwa, ko atari aya magendu.

Iyo ngendo nyene yaribonekeje mu bushikiranganji bw’indero, aho abajejwe intwaro muri kuno kwezi kwa Ruhuhuma bafashe abamaze gutanga amakete ya magendu yo gushingwa akazi mu buyobozi bw’indero mu ntara ya Bubanza hamwe no mu ntara ya Bururi.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.