IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Bujumbura : Abanyarwanda baridogera igiporisi c’Uburundi

Bujumbura : Abanyarwanda baridogera igiporisi c’Uburundi

lundi 27 Gitugutu 2014

Bamwe mu banyarwanda baba mu Burundi basaba ko igiporisi c’Uburundi ko cobabwira namba abanyamahanga bakwije ivyangombwa batakirekuriwe gukorera ku gataka k’Uburundi. Ivyo babisavye inyuma y’aho umunani muri abo banyarwanda bafatiwe bakajanwa gupfungwa kandi bemeza ko bafise ivyangombwa bibarekurira kuba n’ugukorera ku butaka bw’Uburundi.

N.C. ni umwe mu banyarwanda twahuriye ku buserukizi bw’Urwanda mu Burundi, akaba atashatse ko amazina yiwe amenyekana ku mvo z’umutekano. Avuga ko baje gushikiriza ikibazo cabo ubuserukizi bw’Urwanda mu Burundi. Uwo asanzwe akorera mu gisagara ca Bujumbura avuga ko ku munsi wa gatatu w’indwi twaraye dusozereye, abaporisi bari mu mukwabu wo kurondera abadafise ivyangombwa bafashe abanyarwanda umunani, agatangazwa n’uko abo bafashwe bose bari bafise ibibaranga. Nk’uko N.C. abandanya abishikiriza, abo baporisi muri uwo mukwabu ntibaravye namba abo bafashwe bari bafise ibibaranga, arikwo guca babatwara, batanu bakaba bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba, batatu nabo muri BSR. Bane muri abo bapfungiwe mu Mpimba ni Ndagijimana André, Safari Jean Claude, Habarurema Christophe hamwe na Sibomana Emmanuel.

Mu gatondo ko kuri uwu wa mbere, abokorana n’abo bapfunzwe bari baje gusaba ubuserukizi bw’Urwanda mu Burundi ko bwobakurikiranira ikibazo cabo, bagasaba ko umuco wotangwa, namba Uburundi bwoba butagikeneye abanyarwanda bakorera ku gataka kabwo babimenyeshwe kare, nabo bitegurire gusubira iwabo.

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko ico kibazo batari bwakimenye. Helmenegilde Harimenshi, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi yatwemerera ko ahava atanga umuco nibaheza kubikurikirana.


Egide Nduwimana

Messages

  • none babafashe kubera ari abanyarwanda canke kubera atavyangobwa bikwiye baribafise. n’abarundi badafise ibibaranga je nabonye barafashwe sinumva igituma mutabavugira. Canke ni kugira mushimishe abasanzwe batwara iyi site yanyu

  • ariko uburundi buribagira canke ubutegetsi bwacu babirengako ? murazi abana babarundi bari mu rwanda kuronderayo ubu menyi ni bihumbi nibi humbagiza kandi ndazi neza cane ko harimwo nababategetsi bamwe bamwe.nibareke gutoba imigenderanire myiza yarihari.

  • Igiporisi na Leta y Uburundi!!! muramenya ko natwe hariho abarundi isinzi baronderera ubuzima mu Rwanda ikindi muramenyako abadandaza benshi baja Uganda na Kenya baca mu rwanda. muramenyako uko baronderera ubuzima iwacu natwe ariko tuburondera iwabo. muraraba neza!!!!! igohombo wosanga aritwe tukigira ccane hamwe mutosekaje imigenderanire!!!!!!

  • MUKOMEZE MUKINE N’ UMURIRO MUKIRI MURI ZANYAKATSI BASHA. ICYO GIPOLISI TURAZIKO CCYUZUYEMO INTERAHAMWE NA FDRL NTAKINDI BAHORA ABANYARWANDA. MUKOMEZE

  • abantumwabayemute? harya ntakaburimvo none bakoze amanyanga.!babareke babandanye? iyobashaka gufaua abanyarwanda.gusa barikubayora bose kumunstmwe.nimurekeamatohoza akore.

  • Hari ico nshaka kwisabira abarundi bene wacu, nimureke guhahaza abo banyagwanda ataco babatwaye.

  • Mwabarundi mwe CNDDFDD!!!! izo nterahamwe na FDRL mwashize mu gipolisi n igisirikare c’Uburundi!!!!!!! none mutangiye gutortula abanyarwanda baba mu Burundi kugira bahave mukoreshe FDRL n interahamwe ukuri kwamye. ehhhh mubandanye Kikwete ariko arabahenda nivyakomera azobigaarama!!!! ahorero muzi azobafasha mugutsinda amatora nawe bucabamukura. abanyagwanda ntaco mubahora!!!!!

  • Ndasaba umugambwe uri kubutegetsi ko wohagarika ivyo uriko urakorera abanyagihugu. irihungabana ry imigenderanire nayandi makungu cane cane igihugu kibanyi c urwanda, imvo nuko mu gipolisi harimo abakoze ihonyabwoko mu rwanda bamwe bita Interahamwe. munyarutse mukure abobicanyi mu gipolisi n’ igisirikare. turabazi barimo baramaze guhabwa uturangamuntu twabarundi kandi u rwanda rurabazi. hama kandi muhagarike ikubagurwa rya banyarwanda bo mubwoko bwabatutsi murashaka kuuduteza intambara kubusa. mwibuka muri ambargo ko ama camion yigitoro n’ibindi bidandazwa yinjira mu ijoro aciye mu rwanda ko ataca muri tanzanie.???? muhaze nabi bashaaas

  • nta kindi iyo umuntu agufashe yishingikirije ko uvuga ururimi rutarurwe, udasa nawe, utari mwidini rye, utava mugihugu kiwe nawe byanze bikunze haba hajemo ideologie mbi kuko kubana kw’abantu ntubishingiye kumyemerere yabo ahibwo bishingiye kucyo bahuriyeho , kandi abarundi bafite byinshi bahuruyeh n’abanyarwand aniba ahari agatsiko kabantu (abategetsi) badashaka abanyarwanda ndemeza ko atari abaturage babarundi babigizemo uruhare , igikorwa iyi bimeze gutyo , agatsiko iyi kamaze kuvumburwa karamaganwa , byaba ngombwa bakakavugiriza induru kakiruka kakabisa abene gihugu mu mahoro..

  • hahahaaa,chapeau bas aux organes de sécurité burundais.burya rero hari ico baziza abo banyarwanda.ntidupfe kwaduka tuvuga ivyo tutatohoje.

  • Abo banyarwanda bose nibasubire kwa Kagame nimba batafise ivyagobwanibasubireiwabo.

  • Ndagombakubabwirako abobanyarwanda barugufatwa na policies yu Burundi babafatakubera bibaza ko ibimenyeshyamakuru vyakagame aribobyavuzeko FDR batuye Burundi!

  • Yemwe abantu barabuze ihero ryumuti none karashize ingani Ngo nuko harabana bigira murwanda canke ngwaeinzira yokuja Uganda Uburundi buce buba ikirimbiro nkahumenga ntibugira ababutwara? Nimba igipolice gikoze akazi kijejwe Ngo ninterehamwe ariko murieata yoco burikanya muba mukangisha Ngo mufise inguvu burya abakera barayamaze Ngo niyitagwangwaye iraryana izanvugo zanyu zakagaye muzitondere kandi Ngo umwana utaeeze ntuvuga Ngo ndagukubita uvuga nti ingoturwane ndasubiyemwo mitonde turazi ko beshi binjira Ngo nivyo bajegukora ariko bazanywe nindi birazwi ivyanyu ntabatanizi kwariryo technic zanyu.

  • Abarundi b’umutima Turababajwe cane gose n’ikubagugwa ry’abanyagwanda n’ingene ikigoyi cadufashe hano mukirundo, tugahungirayo ntibatubaze n’ikintu na kimwe, bakadutunga kugeza twejeje, abaja kurangura mu bugande nabo baca mu gwanda, none ehe raba ingene Leta y’uburundi yigize sindabizi ntibatabare, wumve nawe ngo umurongozi wigi Polisi ngo ntavyo yarazi aho ubimenyeye naho ukoze iki ga hewe?
    Mbega wewe ntiwibuka umucanwa wakunaniye isoko ry’ibujumbura ririko rirasha ko kajugujugu zavuye mu Gwanda zije kuzimya. Dutabare basha mugeza ngaho basi hoho mugumye mwice abarundi gusa turahumiwe mana yanje.

  • Rwose birantangaza kubohakiriho abanaburwa bashyobora kujyagutura mumunuko uraho urimuburundi, inzara, murirusangi mugihugu cyabaswa nyine! Raba nawe urwanda rufisebyose mwaryagahe raaa?

  • Mwabarundimwe, mushaka mwanuma kubera isi ntitwikiriye( ntisakaye), buri wese yonyagirwa. Aha murakubagura abanyarwanda mubahora iki?? CNDD-FDD ntizohoraho, bucanayandi basha mugomba mwonuma mukabana n’abandi amahoro...

  • aho benshi bazi nkokuri batta barabamaze .igipolisi cirirwa kira sahura ama laptop yabanyagihugu cikinga mukiza ndaba buriye uwuzohaca.kandi kubera baziko abanyarwanda bakorera kuri batta aribenshi baranabuza ababashorera ama telephone mukubafata.ikindi naco nabanyene ibibanza ntiboca ahabona bagenda barinyegeza

  • @# umenyeko twese dufite ibituranga
    bikwiye ico tuzira nuko tu
    rabanyarwanda! Uyumunsi ugira uwa6 ndimukasho
    niba haribibura twabirondera
    haribamwe twazize ko tutatanze
    5000frb!

  • Ba karimi ntiriwe ntunga agatoki ngaha, nimugabanye ibigambo kuri iyi site ya Igihe.com.

  • nibarabe neza ibihugu nibicanemwo twasa nabavuga ururimi rumwe.

  • Iyo muhimbiri yabanyarwanda kubita ije iwabo abo bashenzi buzuye amnacakubiri batobona babana nabo badasangiye ubwoko.kubita bomoke barakagorwa

  • This our time as rwandans to take this case as a matter. We, Tutsi pple we must fight against this discrimination and ideology against us. Our govermnent must react against this stupid decision of expulsion of Rwandans by Burundi gvt

  • Ni bagende bareke kutuzanira akajagari muri kino gihugu cacu.

  • Ariko nkuyu yiyise Rukeribuga ,iyo yumvishije bafashe umunyarwanda aca yumva umututsi!!umutima wamacakubiri waramwishe,ibyo byobyo murwanda uzabaze abarundi babahutu bahabaga bari ibihumbi n ibihumbi ariko muri 2009 bose urwanda rwarabapakiye no ku mupaka kungufu,aho bari batuye bahazana abanyamurenge bahita banahashira ibikorwa byamajyambere,ubu ikigali ntamurundi wakera ahaba ni aba ex sans echecs gusa buzuyeyo n abana babakomagu baje kwiga .none ngo ngwiki?ibya politike birekere ba nyirabyo bazi ibyo bakora,wewe irire ubugali wiryamire wana!!

  • Bareke bawucane!!!!! Kikwete na French gvt bakomeze bababeshye!!!! kirazira gucana umuriro uri muri nyakatsi mwa ba cndd mwe!!!!!! supporr yabo ntacyo izabafasha!!!! ahubwo izabasigira ubutindi

  • izo manekoza kagameturazizi shaaaa.nikibagenza turakizi.kagameabohereza ngo baze gutata intara zose z’uburundi.ahubwo burya nabari muzindintara bos ntibashir agati muryinyo tuzobatora.ahubwo felicitations aux PNB et au SNR.nukugwizaabakozi ba SNR(services nationaldes renseignements)kd babakarihirize ubwenge hama dushobore guhangana nizo nkotanyi.turamaz kumenya ko bamw bemra no gukora akazi kubumaraya kd ari aba soda naba polic ba kagame.bos tuzobacakira tu.

  • AHUBWO BAKWIYE KUBIRUKANA MBOTSE KUBERA U’RWANDA RUFISE AMACAKUBIRI

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.