IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Bururi : Abantu bane baciriwe igihano c’ugupfungwa ubuzima bwose

Bururi : Abantu bane baciriwe igihano c’ugupfungwa ubuzima bwose

vendredi 8 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Sentare nkuru y’intara ya Bururi yaciriye igihano c’ugupfungwa ubuzima bwabo bwose abantu bane bagirijwe ko bari mu mirwi irwana kandi bafise uruhara mu gushaka kwica abanyagihugu hamwe n’inzego z’umutekano.

Abo bantu uko ari bose biyemereye icaha bagirizwa imbere y’abacamanza, ariko bakaba basavye ko bogabanirizwa igihano.
Umwe muribo akaba yasavye ko atohabwa igihano kimwe na bagenzi we bandi kubera avuga ko ata nkoho yafatanwe.

Muri urwo rubanza rw’ikibiriraho rwamaze nk’iminota mirongo ine n’itanu, ingingo yafashwe na sentare nkuru ya Bururi akaba ari uko abo bantu bose ukwo ari bane bazopfungwa ubuzima bwabo bwose, bakaba baciye bajanwa mw’ibohero.

Abo bantu bari bafashwe mu ndwi iheze, umunsi haba igitero ku musozi Mubuga, zone Gasanda, komine n’intara ya Bururi.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.