Accueil > Amakuru > umutekano > Bururi : Abantu bane baciriwe igihano c’ugupfungwa ubuzima bwose
Bururi : Abantu bane baciriwe igihano c’ugupfungwa ubuzima bwose
vendredi 8 Mukakaro 2016, par
Sentare nkuru y’intara ya Bururi yaciriye igihano c’ugupfungwa ubuzima bwabo bwose abantu bane bagirijwe ko bari mu mirwi irwana kandi bafise uruhara mu gushaka kwica abanyagihugu hamwe n’inzego z’umutekano.
Abo bantu uko ari bose biyemereye icaha bagirizwa imbere y’abacamanza, ariko bakaba basavye ko bogabanirizwa igihano.
Umwe muribo akaba yasavye ko atohabwa igihano kimwe na bagenzi we bandi kubera avuga ko ata nkoho yafatanwe.
Muri urwo rubanza rw’ikibiriraho rwamaze nk’iminota mirongo ine n’itanu, ingingo yafashwe na sentare nkuru ya Bururi akaba ari uko abo bantu bose ukwo ari bane bazopfungwa ubuzima bwabo bwose, bakaba baciye bajanwa mw’ibohero.
Abo bantu bari bafashwe mu ndwi iheze, umunsi haba igitero ku musozi Mubuga, zone Gasanda, komine n’intara ya Bururi.
IGIHE
Messages
8 Mukakaro 2016, 08:57, par Evlove
Nimba Kko Icobagira Arico Ataramanyanga Nibahanw Ariko Utibagiy Ko Umuntu Ashobor Kwemera Ivyo Atakoz Bivyany Nuburyo Ariko Arabazwamwo.
8 Mukakaro 2016, 09:47, par munyana
Uwiyahuye ntawumuririra.
8 Mukakaro 2016, 10:02, par tari
Ivyo bavyemezwa namahiri ntabwo arivyo namarementanya yogushaka guhonya uwumuntu wese mwibazako adashigikiye iyo ntwaro yicaduka ya nkurunziza na karwi kiwe
8 Mukakaro 2016, 11:44, par willynshimirimana
barakwiye gupfurwa kuko nabagizi banabi gusa
8 Mukakaro 2016, 16:44, par Kuri
Uwo siwo muti
8 Mukakaro 2016, 17:26, par J.claude
Ico gihano kirare nibangabanye kuber baremera icaha
8 Mukakaro 2016, 19:20, par Ncuti
Rekabakomenihobatazosubira.Kuko Ingeroyicaha Nurupfu.
8 Mukakaro 2016, 20:38, par Zubery
Yesu Yabajije Ati Uwatagiri Icaha Namutere Ibuye
8 Mukakaro 2016, 20:48, par P.ANTOIN
IMANA YAHAYE UBWENGE UMUNTU BWO KUMENYA IKIBI NICIZA. NIBAHANWE KUKO BABIKORA BABIZI TWEBWE DUSHAKA KUJA IMBERE NTIDUSHAKA UDUSUBIZA INYUMA .BAKWIYE KUNYONGWA .KAKABA AKAROLERO KUBANDI
8 Mukakaro 2016, 21:24, par Bantazira Ngozi
Ntavyo Bemeye Izo Ni Nkoni Babakubise Kandi Babahora Kudashikira Manda Yakatatu Ntitwabishimye
8 Mukakaro 2016, 22:57, par jika
ewe tari kumbura wegere abanonosoye i ngwara zo mu mutwe kuko warahahamutse. erega ubwo bujuju ufisr ntaho buzogushikana kumbuta niwa uri umurimyi ufate isuks ikaba uri umunyamwuga gakore. niwaba naho uri umu nya polotike nukuri iri inyuma ya majambere
9 Mukakaro 2016, 01:05, par Kwikwi
Pfunga!ahobari sikibanza cabo bazosohoka kumbure hinjira abandi atawurabamenya neza!
9 Mukakaro 2016, 03:53, par tari
Murambabarira kuvyonanditse, narengeje kuko mpejeje kumenyako ahobaribicaye atamuntu numwe yariyabariye urwara.
9 Mukakaro 2016, 10:44, par Pacifiques Nininahazwe
None ko abafashwe bari batanu, ni kuki haburanijwe bane? Mwomenya uwitwa Jimmy arimwo mubaburanijwe? Mwoduha amazina yabo bane?
9 Mukakaro 2016, 18:11, par Saidi
Birakwiye KO bahanwa, iyongingo niyo abarundi turayishigikiye.
10 Mukakaro 2016, 07:06, par Rachel Niyonsaba
Nukuri Turavye Ingene Uburundi Buguma Mu Ntambara Ni Vyiza Ko Abo Mwoba Mwafashe Bashaka Kuguma Bahungabanya Umutekano Guhanwa Bikomeye Kuk Nibo Baguma Bahungabanya Umutekano W,uburundi Murakoze
10 Mukakaro 2016, 09:13, par MISAGO MICHERI
ABONINKOZIZIKIBI ABARUNDI NTANTANBARABAGIKENEYE ABONIBAMUNYENBARI BAKWIYE KUNYOZWA NTIBAKUVIKANE KWISI UBUTUNGANE NUBUZE BUREKAKUGIRINYA KUKONABO NABICANYI
10 Mukakaro 2016, 09:18, par MISAGO MICHERI
ABONINKOZIZIKIBI ABARUNDI NTANTANBARABAGIKENEYE ABONIBAMUNYENBARI BAKWIYE KUNYOZWA NTIBAKUVIKANE KWISI UBUTUNGANE NUBUZE BUREKAKUGIRINYA KUKONABO NABICANYI
10 Mukakaro 2016, 16:04, par Muryangurakiz styveen
ahubwo nibahanwe bimwe vyakarorero nuwundi agire icatinya ariko antutwibagirwa vuba ukunt twaronse amahor tuyanyotew iyo tutabona Cndd fdd nagahengwe dufite uyumunsi ntako tubadufis.
10 Mukakaro 2016, 16:06, par Muryangurakiz styveen
ahubwo nibahanwe bimwe vyakarorero nuwundi agire icatinya ariko antutwibagirwa vuba ukunt twaronse amahor tuyanyotew iyo tutabona Cndd fdd nagahengwe dufite uyumunsi ntako tubadufis.
11 Mukakaro 2016, 20:44, par Turabategerejye 444
Jika Komera , Twebwe Twama Twavuze Ko Tari Muki Espagnol Risobanurwa Ngo Uwaturutse Ikuzimu ! Abo Nabo Nibinjire Bahereyo Mbere Bari Bakwiye Kwubakirwa Impimba Mwishamba Rya Ndubura
11 Mukakaro 2016, 20:46, par EZECHIL
HA!AHUBWO ABO BANTU BARI BAKWIYE KWICWA KUKO NABO NYENE NTIBA SHAKIRA INEZA ABANDI ! NIBIHANE YESU YU KARIBU WATAHUKUMIWA VYA KUFA
13 Mukakaro 2016, 13:26, par Nijimbere Arstide
Mwari Mukwiye Kubapfungira Mwicupa Intumva Zikwiye Kwibonerako
15 Mukakaro 2016, 13:19, par MUFAWAGWO
KWERI ABO BOSE BAKWIYE GUTSIBWA IBIHIMBA VYILONDOKA MUKAVYANIKIRA KULUTARE IBIKORAKOZI BIKABIRYA KUKO BISE BESHI!!!?
15 Mukakaro 2016, 20:19, par Reverien
mumanike imijojo
22 Mukakaro 2016, 22:28, par NShimiriman Renovat
Baraka Bo Na Babaciriy Ugorubanz Urazi Gusesamarasoyamweneso Utaremye Uba Uvumwe Niyamuremy Birashimisij