IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Busoni : Buramatari arahumuriza abanyagihugu batanguye guhunga

Busoni : Buramatari arahumuriza abanyagihugu batanguye guhunga

mercredi 18 Ntwarante 2015

Abanyagihugu bo muma komine ya Busoni na Bugabira babandanya guhungira mu gihugu c’Urwanda, bakavuga ko bafise amakenga ku mutekano wabo. Edouard Nduwimana, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu asigura ko iyo hegereje amatora, abanyagihugu b’i Busoni na Bugabira bahunga kubera gutinya amatora. Buramatari wa Kirundo arahumuriza abo banyagihugu.

Mu kiganiro Kabizi co kuri RPA, Edouard Nduwimana avuga ko mu mwaka w’2005, bamwe mu banyagihugu b’izo komine zibiri bahunze, mu mwaka w’2010 amatora yegereje, abandi b’izo komine kandi barasubiye guhabwa ibihuha ko bagira bicwe barahunga. Umushikiranganji akavuga ko abo banyagihugu bakunda guhahamurwa n’amatora, bagahunga. Edouard Nduwimana aremeza ko amahoro mu Kirundo ari yose, ko ahubwo hari imvugo ndenzarugero zikoreshwa na bamwe mu bantu batandukanye, zigaca ivutu abo banyagihugu.

JPEG - 49.5 ko
Edouard Nduwimana, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu

Ariko rero n’aho umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu avuga uko, bamwe mu banyagihugu bo mu Rutabo i Busoni mu ntara ya Kirundo, bakaba bemeza ko hari imwe mu miryango y’abanyagihugu yahunze harimwo n’umukuru wa site ya Rutabo, inyuma y’aho havugiwe ko hari abantu indwi bo muri iyo site bapfiriye mu ngwano yabereye mu ntara ya Cibitoke. Abandi banyagihugu nabo basigaye mu mihana, bakavuga ko imisore y’Imbonerakure za CNDD FDD bariko barigishwa inkoho, mbere abagabo nabo bagahimirizwa gutunga imiheto, aho uwutawufise wese, acibwa n’ihadabu ry’amafaranga ibihumbi icumi. Bamwe mu banyagihugu bakavuga ko batekewe n’ubwoba, ko ndetse bashobora n’uguhunga umwanya n’umwanya.

Buramatari w’intara ya Kirundo Reveriyano Nzigamasabo, akavuga ko ata bantu bariko barahunga ko ari ibihuha. Avuga ko abagira bahunge, bari bumvise ivyashikiye umutambukanyi wa Agathon Rwasa ahatswe kugandagurwa, baca baratekera utwabo, ariko abo bakaba barahumurijwe baguma mu mihana yabo. Buramatari Nzigamasabo akavuga ko amanama yo guhumuriza abanyagihugu yatanguye.

JPEG - 21.4 ko
Reveriyano Nzigamasabo buramatari w’intara ya Kirundo

Aristide Nizigire

Messages

  • Yewe, nashakakubabwira ibintu 2 burya kuvakera umuntu iyumuntu arinze asohokana umuheto nabone impongo yawusubisa ahoyawukuye, gusa icombona abobenegihugu hariho akajambobabwiwe komwibanga kazokorwa atirero muzogumemugabirije mukazoranuka mubonye cankemwumvise ibintubimeze nkibimenyetso murazoca mujamurwanda ningoga kandibibinekanako inyigusho bazifashe nkankama, muvyukuri nubwowiburumuntu wirarira gusumvya nizombonerakure ntiwosimbira numuntu ahoyubereye ngo ndagucakiyesha! Ndashaka kugirinana abonenegihugu nababwira vyabintubibiri nti: Mwirinde abobantu barikobarabagira ibikoresho bababwingotamba umuziki mutanimva, ikindi nambamwimva iribintu mukorabivuye kumutimakoko ataribitera mwatewemwo nabashakakuba korerako pibirisiti, bamutekera utwanyu mwerekeza kunkambizigisoda ziburundi ahoziriharihohose ivyotwarabikoze murdyane zamoko zahitiye kandi ntawashitse kwikambi abasirikare yabaye akigirirwanabi, mutabiguzeguryo harigihe ahomwiringira ngonuhoharubukiriro muzogiraguti mukagarikana babasaba ubufasha nyabuna nimwubake igihugucanyu murondere ivyobatezimbere mwirinde ababasaba kubakorera pibisiti

  • Buramatari ngirango yoba yavyumvise ateba, kuko narumvise documentaire zimwezimwe z’ibiganiro zitangwa nabo barundi bamaze guhungira mu Rwanda. Bariko batanga amakuru ku bamenyeshamakuru b’abanyarwanda. Haraheze au moins une semaine et demi. Ivy’umupfasoni wa Agathon Rwasa umengo ntivyari bwavugwe n’ukuvugwa. Ikindi kandi, none umuntu amaze kubona umuntu bamubikira ko yabuze kandi atabuze, aho uguhunga kwiwe mwumva kudafise ishingiro?

  • Mbega Mana urimwijuru wewe utanga kubuntu ukongera ugasubira kuvyo watanMbega Mana urimwijuru wewe utanga kubuntu ukongera ugasubira kuvyo watanze
    uyu mugabo Edouard atwaza amanyama azotuva kugakanu ryari?

  • Mbega Mana urimwijuru wewe utanga kubuntu ukongera ugasubira kuvyo watanMbega Mana urimwijuru wewe utanga kubuntu ukongera ugasuMbega Mana urimwijuru wewe utanga kubuntu ukongera ugasubira kuvyo watanMbega Mana urimwijuru wewe utanga kubuntu ukongera ugasubira ku

  • erega abasenga murène dufatanye dusengere abaturanyi back barqrushyepe imana ibatabare

  • Nibagerageze Kubahumuriza Kuko Amatora Yazagera Hasigaye Abantu Bimparurwa.

  • Abo nabo muzi abirigwa baragenda nibeshi baca ahubwo muzoguma mwwidadira muzosange abarundi baraheze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.