IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Buyenzi : Umusirikare yarashe umwigeme adandaza umubiri

Buyenzi : Umusirikare yarashe umwigeme adandaza umubiri

vendredi 5 Nyakanga 2014

Umwe mu bigeme badandaza umubiri azwi kw’izina rya Aisha, hamwe n’abandi bantu babiri bari mu bunywero nibo bahitanwe n’amasasu yarashwe na Caporal Chef Ndikumana Désiré, umusirikare wo muri bataillon ya 411. Uwo musirikare yariko arondera uwudandaza umubiri yari yaraye amwivye amafaranga agera ku bihumbi ijana na mirongo ibiri na bitanu vy’amarundi.

Amasasu menshi yarumvikanye kuri uwu wa kane, nk’igihe c’isaha indwi n’iminota mirongo itatu (13h30), mu bunywero buri muri Hotel Sangwamahoro jewe nawe, buri mu Buyenzi kw’ibarabara rya 25 nimero zibiri, benshi bakaba bahita "Kwa Mukono". Ayo masasu yarashwe na Caporal Chef Ndikumana Désiré, umusirikare wo muri bataillon ya 411, akaba yariko arondera umukobwa adandaza umubiri bari bararanye, aheza amwiba amafaranga.

Amakuru dukura mu giporisi amenyesha ko uwo musirikare yari yiteguriye kurungikwa mu gihugu ca Somaliya, mw’ijoro ryo kuwa gatatu rishira iryo kuwa kane, yari yararanye na Aisha, umwe mu bakobwa badandaza umubiri. Mu gatondo bukeye, uwo mukobwa yaciye agenda amwivye amafaranga agera ku bihumbi ijana na mirongo ibiri na bitanu vy’amarundi (125000 Frs Bu). Caporal Chef Ndikumana Désiré yaciye ataha aja kwambara umwambaro w’akazi (wa gisirikare), aca asubira kuri ubwo bunywero, ahashika isaha zitandatu zirenga, aca asaba icupa aba aranywa. Nk’igihe c’isaha indwi n’iminota mirongo itatu, abonye uwo mwigeme bari baryamanye akamwiba, yaciye arasa amasasu cumi n’indwi, amwe afata uwo mwigeme Aisha ku matako, ayandi afata ku kuboko umunyagihugu yitwa Elvis yari muri ubwo bunywero, hamwe n’ayandi yafashe mw’izosi uwitwa Juma Obama nawe yari muri ubwo bunywero, uwo mbere akaba yahavuye yitaba Imana mu bitaro vyitiriwe abasirikare aho yari yajanwe kuvurirwa. Aisha na Elvis bariko bavurirwa ku bitaro Prince Régent Charles, amakuru dufise akamenyesha ko baremvye cane, bakaba bashobora kwitaba Imana nabo nyene.

Uwo musirikare Caporal Chef Ndikumana Désiré yaciye atabwa muri yompi, akaba apfungiwe ahahora hitwa BSR, mu gisagara ca Bujumbura. Kuri uwu wa gatanu niho vyari bitegekanijwe ko urubanza rwiwe rucibwa ikibiriraho, ariko amakuru dukura mu giporisi c’Uburundi atumenyesha ko urwo rubanza ruzocibwa kuri uwu wa gatandatu.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.