IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Cibitoki: Abapolisi batatu barapfuye barashwe

Cibitoki: Abapolisi batatu barapfuye barashwe

lundi 3 Myandagaro 2015

Abapolisi batatu barishwe mw’ijoro ryo kw’Imana igenekerezo rya 2 Myandagaro 2015,muri komine ya Cibitoki iri mu gisagara ca Bujumbura.

Amakuru ava aho mu Cibitoki amenyesha ko abo bapolisi barashwe bari ku kirindiro c’ishuri ryisumbuye rya komine ya Cibitoki.Abo batatu baciye bitaba Imana ubwo nyene,abandi nabo barakomereka.

Igihe ivyo vyaba,mu bice bitandukanye vy’igisagara ca Bujumbura amasase menshi yariko arumvikana,ariko ntawuzi abariko bararasa.

Mwomenya ko haheze igihe hari amasase yumvikana mu bice bitandukanye vy’igisagara ca Bujumbura mu masaha y ‘ijoro,gushika ubu akaba atawuramenya ababa bariko bararasa.


Van Naris Mugisha

Messages

  • NONE ABO BAZIRA IKI?URUPFU GWA GOLIATH CANKE?IMANA IBAKIRE.

  • Abo nibande ga yemwe?ko vyavuzwe nguwuzotangura intambara izoh......kand ngo niyo cabona?reka turindire ikibabaje namaraso arigusese kubw 3èmandat gsa!

  • MANA TABARA UBURUNDI.!

  • 3ème Mandat Ga Mwapapolisi Mwe Ntimurabona Ko Namwebwe Izobamara Ngo Muriko Murwanira Akagwi K, Abicanyi Kagomba Gutunga Kabanje Kumara Abantu? Ariko Nakonyene Gatanguye Gusubiranamwo. Aho Nta Cigwa Mwokuramwo?

  • oooh ntakundi none bagire gute adolfe ngo nimodoka yagisirikare yamurashe ub naho ab polisi barabakuyemwo mwumva barya bagiye batri kukintu??# nkurunziza president by by

  • LETA YA PETER NA BUNYONI NIYEMANGE YUKO GUCUGERA UMUTEKANO WABENEGIHUGU VYAYINANIYE AMAKUNGU ARUNGIKE INGABO KUKO TAMUSI WIJANA HANDAPFUYE UMUNTU

  • Jewe ndatangazwa n’abarundi bamwebamwe bacibaza ngo turacari muri za 72 aho mwahonya ubwoko mukabeshera ba Murere.
    Muriko mwica abarundi ngo ni mandat ya Nkurunziza ?Turabizi ni akagaye kanyu mwamanye ngo abahutu bategerezwa kuba abaja banyu.Ngo kirazira ko umuhutu arongora igihugu ciwe. Imana ibaharire kuko ivyo mukora mwihishije yo ibibona.Nimwisubireko muze tubane kuko twese turi bene burundi naho akagaye ,inzigo n’ubwicanyi bwanyu ntaho bizobageza atari muri GIHONOMO.

  • Aho bigeze abarndi bene wacu bakeneye inkunga y’amasengesho

  • uwuzosomborotsa intambara izoherera kukirindiro akorerako.

  • Wewe Eric, shaka mugume mwica abantu ukomwishakiye ngonukugira vyunvikaneko reta idashoboye kuyobora igihugu tukirinazima ntiturota tugita uzotwica wicenabawe bahere ubone gushimira ivyushaka nubwo akabikatamenyerwa abarundi twakishwe kuvamuzamurongo 66 arikubu sikiriyagihe ubunimikindi kinyenjana.

  • Imana nigarukirubundi kukburageramiw!kandharakwiyumutekanomuburundikugir amatohoza akorekubantu barikobaricabandi.

  • Kuki munezrwa iyo hapfuy umuporsi ukameng sumwana wighugu.yaco m8twaza mandat ya3 kugra musesa amarso.kndi kugra ngo mushke kuc’abansi buburundi bipfuza.

  • Nukuri Vyabaye Agahomamunwa Abantu Basigayebapfa Kurusa Ibitungwa Bantu Mwica Abandi Muribukako Namwe Muzpfa

  • NUKURI IVYUBU NI HATARI NONE UBUTEGETSI BUVYIFASHEMWO GUTE? NIMUKORE AMATOHOZA VYUKURI ABIRIRWA BARAKORA AKO KABI KABISHE BASHENGEZWE.

  • Dusab Imana Mushobr Vyos Yo Yaremy Ijuru N’isi Kugra Iduh Amahoro Mugihugu.Hagiy Abapolisi Na Adolphe Hasigaye Uwo Ntavuze Barya Babikira Biciw Mu Kamenge Bazobazira.

  • Imana idutabare twe banyarucari mur leta. ubunyene karashize ingani abanyagihu bicwe bunyamaswa(a gukererwa nkihene. bamwe birirwa bavuga ngwamahoro nuruz arik wumva hovurwa amahoro? atamusi umunt adapfa?

  • nibeshi ntibazohera nakare ni mbonera kunya bara gapfa nabi

  • Ahaaa!!!Abarundi Twagira Ngo Tuza Gusinzira None Tugiye Gusubira Mumarworwa Ya Kera !Yoooo!!!Erega Habandanije Intambara Mumwihisho !!Mana Tabara Abarundi N’abarundikazi Urirurema.

  • ntamahoropita azoronkanabaryabajenerarebarinyumayigihugunibenshiwibuk amajamboniyombareyaguhanuy ugakomantaz umutimaharyayaragukundanurab ahibintubigezenimurogo iwwcankeninyumayurugo?

  • Nyen’icubahiro Hamwe Nabandi Bategetsi Murikumwe Gutwara Nibanga Rigoye Izintwari Bariko Bakuramwo Umwumwe Ntimugire Ngo Ntimwahagurukiwe ?!Uyuyigendeye Imana Nimwakire;ariko Namwe Musigaye Mumenye Ko Bagenda Babarira Insya Zamenyo ,igiti Bagiciye Amashami Ntakiba Gisigaye!?Haaaa!!!Ntwari Murongoye Abandi Kanura Barabasubiza Iyo Mwavuye. Imana Idufashe Niyo Itanga Amahoro.

  • abarundi bamaze kwibagirwa aho bavuye bamaze gusinda umutekano

  • ahubwo nibamarane nkurunziza yavuze uwuzotangura igwano izohera iwe iherere iwe reka bamarane sibo barimwo baracanamwo ahubwo nibamarane ntihagire numuporisi asubira kuza muburundi?

  • KARACIY INGANI PETER ABANTU BAGANDAGURWE ARORERA,IMANA IZOBIMUBAZA NIHAGERA

  • none mwumva izo nkoho ziraswa na bande?

  • Eric, muvuye kuvy’Arusha none mugezaho gushaka ingabo z’amahanga uratey’isoni ushaka gusubira mu bukoloni, igisoda cacu n’igipolisi biracanze none ushaka kuvuga ko abo bana b’igihugu badashoboye kugikingira, baraja mu bindi bihugu guharanira amahoro bagashimwa none ivyo uvuga wunva arivyo.
    Ntibitangaje kubona twama mu ngorane zidahera nimba hari abantu benshi batekereza nkawe nta mahoro tuzoronka,ico wagonvye gukora nukuraba uwo wese akora nabi kuruhande rwawe ukamwiyamiriza,nanje ku ruhande rwanje ngakora gutryo n’uwundi gutryo nivyo bizodukiza, abanyamahanga baraduseka
    kubona twama twicana,reka nkubaze mbega za ONU ko zidaheza ingorane ziri kw’isi ntibama bateranye bagafat’ivyemezo, ndasubiriye kukubwira uratey’isoni.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.