IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > FORSC : Abanywanyi b’imigambwe barabangamiwe n’ukutihanganirana

FORSC : Abanywanyi b’imigambwe barabangamiwe n’ukutihanganirana

lundi 31 Ntwarante 2014

Urunani FORSC ruhurikiyemwo amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike rurarajwe ishinga n’ukutihanganiranira kwibonekeza mu migambwe muri iyi minsi amatora atera yegereza. Muri FORSC basaba abo vyega ko bokora ibishoboka vyose kugira igihugu ntigisubire mu ndyane gihitiyemwo.

Uko umwanya ugenda, niko umwaka w’2015 w’amatora wegereza. Bihweje amatohoza bakoze mu ntara urunani FORSC (Forum pour le Renforcement de la Societe Civile) bakoreramwo, basanga imigambwe iguma itakaza ukwihanganirana, ivyo navyo bikibonekeza mu bwicanyi bw’abantu umenga buba bwateguwe, ugutana mu mitwe hagati y’abanywanyi, ugutukana biciye mu ndirimbo, ukuranduranira amabendera, ukubuza abandi gutunganya amanama, iterabwoba, hamwe n’ukwinjiza abanywanyi mu migambwe ku nguvu.

Nk’uko mu runani FORSC babimenyesha, ukwo kutihanganira iyindi migambwe bikorwa ahanini n’urwaruka rwo mu migambwe itandukanye, rubifashijwemwo rimwe na rimwe n’abajejwe intwaro, ariko gushika ubu ababangamiwe bakaba ari abo mu migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi.
Mu runani FORSC baratangazwa n’ukubona ivyo biba izuba ryaka, kandi igihugu c’Uburundi gifise ubutungane n’abajejwe umutekano ata kindi bajejwe atari ukwubahiriza ubwigenge bw’abanyagihugu, hamwe n’ugushira mu ngiro amategeko igihugu cateyeko umukono.

JPEG - 39.1 ko
Vital Nshimirimana, arongoye FORSC (Forum pour le Renforcement de la Societé Civile)

Mu bijanye n’ubwigenge bwo gushikiriza ivyiyumviro, mu rurani FORSC basanga abajejwe intwaro bakoresha nkunzi, mu kworohereza ibikorwa n’amanama vy’umugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi, mu gihe abahurikiye mu migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi batarekurirwa gukora n’ivyo amategeko abahera uburenganzira, ivyo navyo bikunyurwa n’iterabwoba rikorwa n’urwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD ku banywanyi b’iyindi migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi bwa CNDD FDD.

Kugira ivyahitiye muri kahise ntibizosubire kwibonekeza, aho abarundi bacanyemwo intambara ziraduka, mu runani FORSC basaba Reta ko yokwubahiriza agateka n’ibwigenge bihabwa umurundi wese, ata kuvangura. Ubutungane bwovavanura n’ingeso y’ukudahana ivyaha hamwe n’ugukorera mu kwaha kw’ubutegetsi. Abajejwe umutekano nabo basabwa kureka kwivanga mu bikorwa vyimigambwe, bubahirize umutekano w’abanyagihugu bataravye imigambwe bavamwo.


Egide Nduwimana

Messages

  • Jewe narababwiye kwuyo mugabo akora ibiteye kubiri nivyiryo shirahamwe avuga ko arongoye,ngaho rero warubonye indwi2 zigiye guhera utavugiye kuma Radio none ngahuradutse,mbega kutavuga ivyo SINDUHIJE nabanwanyi biwe kwivyo bakoze bitisunzwe amategeko,ntaco ndunva ubivugako,muga uraronse ivyo uvuga kumugambwe CNDD-FDD,nugwaruka gwawo IMBONERAKURE.uko mbona uterugwamo ku mbonerakure na cndd -fdd,nube ariko uterivyatsi abo muri oposition nabo baba bitwaye nkimpene zomuci.reka guhengamira kuruhande rumwe,ninaho ivyushikirije bizunvikana,bikagira nagaciro kubavyunvirije,wewe na pacific,Rufyiri,murajoja inama mutumenyeshe imigambwe canke umugambwe murimwo,kwirya iri mukibiri(ADC).kuko akokuba muri mubavuga ngo ntimuharanira ivyicaro,ahoho muhave kuko,musunvya nabanya politique babizobereyemwo.muga murihenda caaane,igihugu sicana,mubukaranga tubabona ntya.

  • bandanya murukarisha ruzosubira rubamwe aho muribaza ko haruwundi muhutu azosubi I MUTABIRA,INDUTA nahandi.ubu nimwe muzogenda namba mwarambiwe gutwagwa numuhutu.mbe ubwobushirahamwe bwabatutsi bujejwe guteranya nduwimana ntiyobufuta bukareka gusamburigihugu.imbonerakure ziveko vuga ubwo bu JRR bwany nubwo bumurikirakuri bwanyu.

  • @ Gezaho ndashaka kukubaza imbonerakure sabantu???!!!non non aba DD ubujuju bwanyu nokwibaza ko arimwe mufise igihugu cuburundi turarambiwe!!simwe mwaremye uburundi!!ivyo imbonerakure zikora nugusiga amavuta abanyagihugu batavuge rumwe?????????Areeee murabishe nokumva!! Nawe Ntakundi mwaratweretse icatumye muhungu iguhugu mukaja i MUTABIRA,INDUTA mwahunga amaraso mwari muhejeje gukora!!ikibabaje ntimuramenya ko mwavuye mwishamba!!muri mubantu muhebe kwica,kwiba.. nayandi mabi mukora hama ugabanye amacakubiri niho muzokwubaka igihugu mukazana developpement niyo dukeneye!!ugabanye urwo rwanko rukwuzuye mumarasso arirwo rutemba gusa abatutsi niyo mwobica ntimwobamara naho ari bake!!uzogende aho hakurya urabe abantu basa neza bagororotse baracariho!!kndi ntaco benewanyu babahutu bo murwanda batari bagize ngo baramaze abatutsi!!umuvumo nubu uracabaherekeza nabana babo!!abo bari bazi ngo baramaze uzotire agashambara ugende urabe abakobwa beza basa nirirenga nabahungu beza!!!uzoce ugaruke udebagure ubusa ngo muzomara abantu muzobangaza !!!nimwe mwabaremye??tu es stupide comme les DD!!

  • We munyaguhugu.wewe urintunva mubandi batutsi bintunva,aho mugwanda uriko urahaya urajayo ubeyo kwariho hari abagororotse gusumba abandi bose bo kwisi!!,tuvireho ujeyo aho uvuga ko izina MUHUTU atajambo afise.niba wibaza ko ngaha iburundi bwanyaburunga kwa tamuhutu yogira ijambo baraguhenze baso na basogokuru bawe.iyo ningenga bitekerezo vyikumira bwoko HUTU et UMUTWA,ariko twarabahinyuye mugenzi.uti abahutu bo mugwanda baramaze abatutsi,muga ntibabamaze,ego ndakwunvaicuvuga,egome ngaha muburundi naho ABATUTSI baragerageje kumara,kuzimanganya UMUHUTU nu MUTWA birabata kuwamazi,nubu rero izo nizontezi mugwaye,kanzi zigiye gutuma mwamuza musare,mwiyahure,mwomoke kurya abahutu bugwanda bomotse.kuko ningaruka zivyo baso na basowanyu bakoze ncuti yanje,muga ico womenya co ntimuzosubira kuduhohotera kurya mwahora.Tekereza mwenewacu.

  • munyagihugu ......mbega mwabarundi mwe muzogeza dyari gutukana muzogeza dyari amarangamutima? uravuga ngo abahutu bagiye imutabira na nduta bishe abantu ngo nabicanyi nibisuma ? urateye isoni gusa ico womenya co burakeye uretse ko abatutsi bishe ndadaye abahutu bakiraramubatutsi mukwihora nokugira ntibabagire nka 1972 imigwi yinsoresore zabatutsi .. nabasirikare bari bagizwe nabahungu buwo mu vital nyene ivyo bakoze utari ikigugu ntiwobiyobegwa.abarundi barahunga igihugu bamwe bageze kure ntanukwo bipfuza kugaruka bafite ishavu icabomoye bakibwira abana nabuzukuru babo nico gituma atamututsi azosubira narimwe kwitwa umukuru wigihugu cuburundi igituma imitsi yaranze niki? nukubera Arusha baravyivugira bo nyene ko arusha igihe izoba ikozweko ko umututsi nako yahora aronkerako ko kazoba kahavuye ariko birasha biraza amaherezo arusha ntizokwamaho.mureke abanyamutabira na muyovozi barahevye mutabira bicara mukibira imyaka 10 kugira bahabuze agateka kabo .. hari abavuga ngo ntaho bari bafashe... oya kuko basavye kuganira kuko bari barevye ... wosaba kuganira gute numuntu atanguvu afite? mutekereze mworohe abahutu nabantu beza ntibazokwihora inabi mwabagiriye peter yicarana nuwamudendereje aka mucira urubanza gwogupfa ..nuwamwiciye se ntaramwihora mutekane.

  • Gezaho niyo umuntu aravye ibijambo uvuga ubwo nyene mbona urikijuju ciki DD!!!hahahahhahah!!wuzuyemwo amacakubiri ngo umututsi umutusti!!nibo bababujije kutwereka da ko muri abahutu beza muzi kwubaka igihugu ko mbona nabahutu benewanyu inzara ibishe???!!!ewe intimenya niyo ntinegura!!ngumuhutu umuvura amaso...!!!kandi mwebwe ntimwishe vraiment!!!huuuu ukuntu mukwica mubirusha ninyamaswa zomwishamba nyene!!weho uranyishe ubujuju ufise bushobora kuba buri mugushikira kuba une personne malade mantale!!

  • munyagihugu niba muzi ubwenge mutari ibi juju nkaba DD muzosubire kunyare kugihugu ndabe muzopfa muyerera ubu si igihe mwica mugakiza uwu mushaka jewe ico nshaka nuko nubwo cdd -fdd yova kubutegetsi mparanira ko atamututsi yopfa asubiriye kwitwa president abahutu natwe turashoboye

  • munyagihugu niba muzi ubwenge mutari ibi juju nkaba DD muzosubire kunyare kugihugu ndabe muzopfa muyerera ubu si igihe mwica mugakiza uwu mushaka jewe ico nshaka nuko nubwo cdd -fdd yova kubutegetsi mparanira ko atamututsi yopfa asubiriye kwitwa president abahutu natwe turashoboye

  • we munyagihugu kazibe wantunva we,fungakinwa!,reka kudutera induru,namba utunvya canke ngutegere ivyo tuvuga,gezaho,utunva uzunvirayo.ntakamaro koguterana amajambo nawe.

  • mbe kw"abahutu bavuga ngw"abatutsi barabishe burya nubu baracari ibijuju nka kera;je narinzi ubu ko bize baciyubwenge bibagire atanimyaka 4 irahera abahutu 600 baba FNL bishwe na benewabo ;abishw mu gatumba na benewabo;ku ruvubu hose iyaba abakanura bakabona bobonye ko hatica ubwoko hica intwaro mbi tukava hasi tukubaka igihugu tugaterimbere nayahaniho ubwo bwoko ntaco buzobamarira bazopfa bagwaye kwashi

  • mbe kw"abahutu bavuga ngw"abatutsi barabishe burya nubu baracari ibijuju nka kera;je narinzi ubu ko bize baciyubwenge bibagire atanimyaka 4 irahera abahutu 600 baba FNL bishwe na benewabo ;abishw mu gatumba na benewabo;ku ruvubu hose iyaba abakanura bakabona bobonye ko hatica ubwoko hica intwaro mbi tukava hasi tukubaka igihugu tugaterimbere nayahaniho ubwo bwoko ntaco buzobamarira bazopfa bagwaye kwashi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.