IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Freddy MBONIMPA yakebuye abanyagisagara ca Bujumbura

Freddy MBONIMPA yakebuye abanyagisagara ca Bujumbura

mardi 10 Rusama 2016, par Jean De Dieu

Mu nama y’umutekano umukuru w’igisagara ca Bujumbura yagirishije kuri uwu wa kabiri abaserukira amashirahamwe ajejwe kwunguruza abantu akorera mu gisagara ca Bujumbura, Freddy MBONIMPA yasavye umuntu wese gufasha kurwanya ubwicanyi bwabaye ndanse mu gisagara ca Bujumbura.

Umukuru w’igisagara ca Bujumbura yabwiye abari muri iyo nama y’umutekano ko abanyagisagara ca Bujumbura, batabaye magabo, akarwi yita ak’iterabwoba kakaturwirana, ko igisagara bazogita bagahunga, akavuga ko ibintu vyose bitangura buke buke, abantu bakabifata nk’ibisanzwe.

«Abo bagizi ba nabi ntaco bacibanga, kuko batubaha ishengero, ntibubaha isoko, ntibubaha umukozi yabize akuya akaba ariko yivuna akanyota, mu nyuma bakamutera gerenade. Abo bantu ni abihevyi bakora iterabwoba, ariko bari ku rushi. »

Freddy MBONIMPA umukuru w’igisagara ca Bujumbura asaba umwe wese aho ari ko yobera ijisho n’ugutwi abajejwe umutekano.

Amashirahamwe y’abunguruza abantu ku mapikipiki hamwe n’abayakoresha nabo basabwa gukurikirana uruja n’uruza, bamenye ko umutekano ari uwa bose.


IGIHE

Messages

  • Aho mutama komera babwire baze bararereka abagendera kurizo pikipiki zikontororwe mumwanya kumyamya iri niterabwoba rikomey rikwiy kurwanywa hivuw inyuma bitabibyo gufata ingingo zose zishoboka kugira Ngo dukumire iryo terabwoba??ico nsaba aho mugisagara muz muraba iyo haturitse grenade ntimukanguk ahubwo uce weraguza iyo izananye abobose bahegerey ntihaveho numw niko Jew nabyiz niko muzobahasha.murakoze

  • Akokarwi kabihevyi nimicafu yibisigarira vyasizwe nawamu prezida yatwara u Burundi imisi ibiri Nyamuragi Niyombare G (NNG)

    Hanyuma ndashaka kubibutsa ibijanye nibwirizwashingiro ryuburundi ukorivuga. Burya uyu nyakwubahwa prezida Nkurunziza kuva abanyagihugu bamusasiye impuzu kugira imodoka yiwe icako agenda kuntebe Nyamuragi Niyombare G yarimazeko imisibiri S.E Nkurunziza abanyagihugu baciye bamuha ubukuru bwigihugu bwimfatakibanza bahejeje kwanja Nyamuragi N G, S.E Nkurunziza Mukorumbone muriyo mfatakibanza yakoze ibikora Inka kuko harateguwe amatora mugihe gito bituma anatsindira kuba umukuru wigihugu uburero twisunze ukwibwirizwa nshingiro ryu Burundi rivuga Nyakwubahwa umukuru wigihugu mushasha dufise uyumusi Petero Nkurunziza ariko aratwara mukiringociwe cambere duharuye kuva asubiriye umukuru wigihugu Niyombare Nyamuragi G (NNG) ubworero abanyagihugu canecane abomumugambwe aturukamwo nibamushima murayamatora turikoturitegurira yomuri 2020 azoba azoshobora kwitoza mukurungika ciwe cakabiri nkuko ibwirizwashingiro ryu Burundi ribivuga.

  • tari akokagabo ntawokamwa ugorushatsi? iyomihimbiriyimborakunyayicabantu

  • Mwebwe nyene nimwe mwirirwa murica mwaheza ngumutekano jewe nama nabivuze igihugu kitagira inzego ntigishobora kubamwo amahoro kuko uyumusi mwebwe mwirirwa mugirisha amanama ntanumwe ataziko muhagarariye umusuma mukuru nkurunziza uwonawe manda yiwe yaheze itariki 26/8/15 uyumusi igihugu kiri umurare nicogituma nterakamo abarundi Bose bavyumva guhaguruka kugira dushinge inzego shasha zitunganya ivyigihugu mumaguru masha

  • jewe niho narindi mwiyo nama ariko nagomba gukebura ikinyamakuru IGHE,kunkuru nkiyi yumutekano nukuvuga murimake ivyanyamukuru.reka ndabibabwire:twabanje kuraba ireresi mu yo mugihe cimigumuko nabayitanguje,Pacifiqeu na mbonimpa ukuntu aba police bishwe nabari mumigumuko,ukuntu baturiye wamuhungu ERIC mu nyakabiga bamusukako esanse hama bamwambika ipine baca baradomeka ninama ya kudeta nabaribayigize ikindi naco nabonye cambabaje nuko nabonye Blende yuzuyeko abonyene bari mumigumuko haraho mwari bwabibone? nayandi mabi menshi,inkoho zikomakomeye zafashwe abo bazifatanywe bakavuga ko ari sinduhije yabatumye, nayandi mashano ateyisoni kuraba bakoze.None rero bakavuga ko arimyiyerekano kandi arubwicanyi bukabije!

  • jewe niho narindi mwiyo nama ariko nagomba gukebura ikinyamakuru IGHE,kunkuru nkiyi yumutekano nukuvuga murimake ivyanyamukuru.reka ndabibabwire:twabanje kuraba ireresi mu yo mugihe cimigumuko nabayitanguje,Pacifiqeu na mbonimpa ukuntu aba police bishwe nabari mumigumuko,ukuntu baturiye wamuhungu ERIC mu nyakabiga bamusukako esanse hama bamwambika ipine baca baradomeka ninama ya kudeta nabaribayigize ikindi naco nabonye cambabaje nuko nabonye Blende yuzuyeko abonyene bari mumigumuko haraho mwari bwabibone? nayandi mabi menshi,inkoho zikomakomeye zafashwe abo bazifatanywe bakavuga ko ari sinduhije yabatumye, nayandi mashano ateyisoni kuraba bakoze.None rero bakavuga ko arimyiyerekano kandi arubwicanyi bukabije!

  • aho ngo uri umukuru w, igisagara, abanyamusagb uvukamwo leta ukorera yabamaze? ngo ni uko uriko uruzuza inda. bitebe bitebuke, intahe izofaa ijambo, imihimbiri musubi mugiharoharo.

  • Uwokora Nka Prezida Mushasha Waphilipine Ikibazo Coca Gikemuka(igihano Cogupfa Kurabo Bicanyi Bakamurasira Kukibuga)

  • umurar kirandyohe bandany mugisa sagaza.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.