IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Gahombo : Ikirindiro c’abaporisi cibwe inkoho

Gahombo : Ikirindiro c’abaporisi cibwe inkoho

mercredi 10 Nyakanga 2014

Inyuma y’aho inkoho zibiri zibiwe ku kirindiro c’abaporisi muri komine ya Gahombo, abakekwa kuziba bafashwe ubu bakaba bariko barabazwa.

Izo nkoho ziri mu bwoko bwa Kalachnikov, zikaba zibiwe i Nzewe muri iyo komine ya Gahombo, intara ya Kayanza. Abo basore bafashwe bakaba bariko barabazwa kugira ukuri kumenyekane. Iyo misore yafashwe ikaba yahora yikekwako gukora ubusuma muri iyo komine.

Abanyagihugu bo muri iyo komine ya Gahombo, bakaba basaba ko amatohoza yokorwa kugira izo nkoho abazivye bafatwe kandi bazigarukane, mu gihe abo banyagihugu bavuga ko barara ntibuca bibaza ko abatwaye izo nkoho buca babarara ku mugono bagatangura kuza kwiba utwo abo banyagihugu bimbuye. Abo banyagihugu bavuga ko bari babayeho neza, atamusuma abararako.

Mu giporisi mu Kayanza baremeza amakuru y’izo nkoho, ndetse bakaba banahumuriza abanyagihugu ko amatohoza ariko agenda neza, bakizera kuzozifata.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.