Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Human Right Watch isaba umutekanowa Petero Karaveri Mbonimpa
Human Right Watch isaba umutekanowa Petero Karaveri Mbonimpa
mardi 4 Myandagaro 2015
Ishirahamwe ryitaho agateka ka zina muntu Human Right Watch rimenyesha ko ribabajwe n’igitero cakozwe kuri Petero Karaveri Mbonimpa,umwe mubaharanira agateka ka zina muntu mu Burundi.
Daniel Bekele aserukira Human Right Watch ku mugabane wa Afrika yavuze ko abategetsi b’Uburundi bategerezwa gufata ingingo zo gukingira no gushiraho umutekano wa Petero Karaveri Mbonimpa.
Uwo aserukira Human Right Watch yavuze ko Reta y’Uburundi itegerezwa gukora mu maguru masha kugira amabi ntiyiyongere inyuma y’urupfu rwa Gen Adolphe Nshimirimana n’iraswa rya Petero Karaveri Mbonimpa.
Kubwa Daniek Bekele,umukuru w’igihugu n’abandi bategetsi bakuru mu gihugu bategerezwa gusaba abanyagihugu gutekana,bakababuza kugira ibikorwa vyo kwihorana,kandi bakemeza ko abakoze ivyo vyaha bazorenguka imbere y’ubutungane.
Van Naris Mugisha
Messages
4 Myandagaro 2015, 16:33, par michel
Ayomashirahamwe aguma avuga gusa bimaze iki abantu babandanya bapfa abandi bahohoterwa babona. None rero dusaba ko bareka amajambo bafashe beneburundi baronke amahoro arama
4 Myandagaro 2015, 17:09, par kegis
Jewe mbona 1972 igarutse.
4 Myandagaro 2015, 18:05, par cumugabo
mutabarize ningoga nayahandi ho baramushikanayo!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!
4 Myandagaro 2015, 19:26, par GERARD
Emweee!noniyo ntama nayobayihoyiki?abarundi nibakomezgusenga
4 Myandagaro 2015, 20:11, par Innocent
Ivyayo Mashirahamwe Turabimenyereye,kuberiki Bavuga Habaye Ingorane?Kuberiki Batofasha Kuzikingira?
5 Myandagaro 2015, 11:00, par bongo
nkumuntu avuga ngo mbonimpa nintama aramuzi uwariwe?ahubwo ni imfyisi yiyambitse uruhu rwintama uwutamuzi namutere amashurwe gose ahubwo uburundi burimwo MBONIMPA, NTIBANTUNGANYA,NININAHAZWE VITARI NSHIMIRIMANA imana irabutwake ntacobukimaze amajambo abavamwo ninayo atuma abenegihugu barara rubunda bagihari ntamahoro tuzopfa turose