IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Human Right Watch isaba umutekanowa Petero Karaveri Mbonimpa

Human Right Watch isaba umutekanowa Petero Karaveri Mbonimpa

mardi 4 Myandagaro 2015

Ishirahamwe ryitaho agateka ka zina muntu Human Right Watch rimenyesha ko ribabajwe n’igitero cakozwe kuri Petero Karaveri Mbonimpa,umwe mubaharanira agateka ka zina muntu mu Burundi.

Daniel Bekele aserukira Human Right Watch ku mugabane wa Afrika yavuze ko abategetsi b’Uburundi bategerezwa gufata ingingo zo gukingira no gushiraho umutekano wa Petero Karaveri Mbonimpa.

Uwo aserukira Human Right Watch yavuze ko Reta y’Uburundi itegerezwa gukora mu maguru masha kugira amabi ntiyiyongere inyuma y’urupfu rwa Gen Adolphe Nshimirimana n’iraswa rya Petero Karaveri Mbonimpa.

Kubwa Daniek Bekele,umukuru w’igihugu n’abandi bategetsi bakuru mu gihugu bategerezwa gusaba abanyagihugu gutekana,bakababuza kugira ibikorwa vyo kwihorana,kandi bakemeza ko abakoze ivyo vyaha bazorenguka imbere y’ubutungane.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.