IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ibirwanisho vyafashwe mu Ruyaga ahiciwe umuntu

Ibirwanisho vyafashwe mu Ruyaga ahiciwe umuntu

mardi 16 Ruhuhuma 2016, par egide

Igiporisi c’Uburundi kimenyesha ko ibirwanisho bitari bike vyafashwe ku Musaga hamwe no mu Ruyaga muri zone Kanyosha, aharaye hishwe umuntu arashwe.

Mu birwanisho vyafashwe mw’isakwa ryabaye ku Musaga hamwe no mu Ruyaga, OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi avuga inkoho imwe yo mu bwoko bwa RPD, inkoho zibiri zo mu bwoko bwa Kalashnikov, ibikono bitandatu vy’amasasu vyuzuye, gerenade zibiri, hamwe n’amasasu 237 y’inkoho yo mu bwoko bwa Mi-kalash.

JPEG - 43.8 ko
OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi

Ivyo birwanisho vyafashwe mu Ruyaga ahishwe umuntu mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere, abagizi ba nabi bitwaje ibirwanisho bamusanze ku muhana iwe, bakaba bamwishe bamurashe.

IGIHE

Messages

  • Mbega Nkurikiye amajambo uvuga burigihe canke ushikiriza kumboneshakure biva kumakuru watohoje neza canke in rwarunda rwa Nyamitwe bagutegeka ivyo uribuvuge umego nawe urikurutonde ubazafatirwa ibihano kuko amakuru mushikiriza abenegihungu na makungu yose nukubesha inkoho nizanyu muha imbonerakuru hama mukabesha ngo mwafasha ibirwanisho abenegihungu na makungu tumaze kubatahura ikinyoma ca gatsiko kizirikiye kuri mandat kivye.

  • ibyanyu ntibyoroshe kbsa mugiye kumera nka somalie kweli uwomugesera Nkurunziza mwamumeshe koko akavamunzira.

  • finalement ntukomeye ibi birwanisho isinzi mumaze gufatamwa nivyimbonerahure?Mwarahinyutse basha,Abateye amakambi zari imbonerakure ivyanyu vyaramenyekanye muranakumbure mwemere mubane kandi mukunde babatware kuko nabonyene igihe mwari kubutegetsi barabayoboka.Atarivyo mumenye yuko ivyari imagera vyarageruye.Abahutu bubu sibamwe ba 1972 mwashorera nkimpene.

  • Ntavyo izonzego z’umutekano zikivuga ngwabanyagihugu twemere mugihe arizo zitwara idarapo mukugandagura abanyagihugu mugihe zagaragaje ko zikorera umuntu ahagukorera abanyagihugu kandi arivyo zishinzwe twaramaze kubona ko nkurunziza nakarwi Ari abanyabinyoma dukeneyeko inteko vamakungu arizo zokwishikira gukora icogikorwa Hama uwonkurikiye nashebuja wiwe tukabarungika muri mpimba kumarorerwa bakoze ntakanwa kabicanyi kuzuye amaraso kazopfa kavuze ivyiza ndabarahiye izonkoho turiziko arizanyu mugenda mukarunda ahantu kugira mutikize abomwipfuza gutikiza mbere ahobigere mukwiye kuva mubanyagihugu mukaja kuguma mumakambi yanyu mukabareka bakicungera kuko ntaco mubamariye Atari ukubasogota aho ariko muzoba murindiriye ko tubata mumvuto mwese mwabahemumwe muhemukira igihugu canyu kubwindandende ntamajambo yanyu tugikeneye

  • Niba iyo photo ar’iyo bafashe mu gihe ca interview, biraboneka ko abesha. Nari sure yivyo avuga kubera ari ibinyoma. Ikintu cose gifise intago kikanagira iherezo umva ww Observateur de Police num 1 Pierre Uri umu observateur wujuje ivyangombwa. Baguhaye ipeti igukwiriye. Canke uri lyncheur des hommes de premier rang.

  • Abarundi turabazi Komwica Bantu, Mutanga Ibigwanisho Aba Porisi Babifashe Mugaca Muja Kurubuga Mukavuga Ayamuha Mwitwaza Ngo Namamanda Mwosigura gute.Tubabajije Mugutembagaza Presidean Ntibantunganya Na Ndadaye Mukamwica Bari Bafise Manda Zingahe ? Turabumviriza Turaba Tukabona Ko Mudutamba Kumuvyimba Mushaka Mwohagarika Kwica Abantu Guko Ntimubarya Ngomuvuge Ko mwarimushonze . Ingorane Nuko Namwe Iyo Mufashwe Mutangura Gusaba Ikigogwe Kandi Mwishe muzi Ko Aricaha Gihanwa Hagarika Vuba Ubwicanyi A Babatuma Mubankire Guko Ntabuzima Bwanyu Bakunda. Ndabatwenze Murintwenza

  • abarundi tutisubiyeko turagowe kabisa ahubwo icoba cizagusumba nuko bokunvikana ahandiho nimba urwanko arimbuto mubivye rwishi kimwe nimwimbura muranyima

  • abarundi tutisubiyeko turagowe kabisa ahubwo icoba cizagusumba nuko bokunvikana ahandiho nimba urwanko arimbuto mubivye rwishi kimwe nimwimbura muranyima

  • Barundi Hinduke!
    Erega Ntawiremye,baho Wibaza Iherezo Ryawe

  • Barundi Hinduke!
    Erega Ntawiremye,baho Wibaza Iherezo Ryawe

Un message, un commentaire ?

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.