IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Igiporisi n’igisirikare bisabwa gusenyera ku mugozi umwe mu kugarukana (...)

Igiporisi n’igisirikare bisabwa gusenyera ku mugozi umwe mu kugarukana amahoro

vendredi 1er Rusama 2015, par IGIHE

Abashikiranganji babiri uwo kwivuna abansi hamwe n’uwo umutekano bamenyesha ko izo nzego zibiri barongoye, zigiye gufatana mu nda mu kugarukana amahoro n’umutekano muri kino gihe.

JPEG - 18.9 ko
Pntien Gaciyubwenge na Gabriel Nizigama barongoye ubushikiranganji bwo kwivuna abansi n’ubw’umutekano

Mu kiganiro n’abanditsi n’abamenyeshamakuru cagirishijwe n’abo bashikiranganji uko ari babiri , Gabriel Nizigama , umushikiranganji w’umutekano hamwe na Pontien Gaciyubwenge ajejwe kwivuna abansi, umushikiranganji w’umutekano Gabriel Nizigama , amenyesha ko badashobora kurera amaboko muri kino gihe hari imyiyerekano iriko iraba, yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu, ku bwabo idakurikije amategeko.

Ari naco gituma bahamagarira abo barongoye, abaporisi n’abasirikare gusenyera ku mugozi umwe , bagakoresha ubwenge n’ubuhinga bwinshi nk’uko bavyigishijwe mu guhagarika iyo myiyerekano. Ku ruhande rw’abajejwe intwaro naho abasaba gufatanya n’abajejwe umutekano mu kuba hafi abanyagihugu.

Tubibutse ko abasirikare bariko bafashanya n’abaporisi gucungera abanyagihugu, ariko bikaba bimaze kwibonekeza ko abanyagihugu bafitiye icizere abasirikare gusumvya igiporisi, mbere abari mu myiyerekano bakaba basaba ko bocungererwa umutekano n’abasirikare gusa. Eka ndetse, bamwe mu basirikare bakaba bamaze n’ukuraswa n’abaporisi, aho ku Musaga, umuporisi ari kumwe n’abakorera urwego rw’igendereza barashe umusirikare umwe arapfa.


Floxella Karire

Messages

  • Abo basoda ntavyabo ..iyo baca batumbereza kuri iyonkozi y,ikibi bakamukatakata ..Muga barundi kuva kera barize amategeko sico kimwe nivyo bisuma vya ba police baragakubitwa n,Inkuba ndabavumye kandi ndahumuye umuvumoi wanje ubafateee

  • Ndashimye kwizo nzego zigiye gukorera hamwe bagerageze guhagarika imigumuko kuko akaguma ntabo kereye nabatuma imigumuko nibikubitagashi batangimigambi mubanyagihugu.

  • Nimwumvisheabaporisiko Aribobacungera Umutekanowa,banyagihugu.Kobofatanamunda,bakagwanyaumwasi Murakoz

  • Igi Police Ntikiramenye Amategeko, Nubuhinga,nubumenyi Mubijanye Nakazi Bajejwe.Simwiyi Myiyerekano Gusa Vyibonekeje,niko Vyamye Kuva 2006.Baracarimwo Akanyeshamba,abandi Nabo Barakandujwe.Ntagi Police Dufise,naho Abo baShikiranganji Bahuye, Nukugirango Ba Calme Abasirikare kwaburya Bwicanyi,ariko Birya Ntivyokwijana.

  • @ndegeya
    Ivyo uvuze nivyo, abapolisi bacu ntibazi akazi,abantu batazi no gutanga inkoni!!!
    Bakwiye inyigisho zikwiye bamenye gutanga igiti,ari nkanje nobamwa uwo twohubukana hari ico yobona mwa bagesramwe bo ku musaga mwanyoye amaraso y’abahutu bande d’assassins uwobata muri ivyo bihongo vy’amabuye bishushe mwirigwa muturira!!!

  • igisoda kizoronka gashimwe kubarundi namakungu .nayoigiporisi...?ingarukayaco..izobambi

  • Mbega kuberiki abanyagihugu bagomba kudufata nkuko turi ibijuju bitaciye ku ntebe y’ishure?mbega kuberiki abanyagihugu batacizera igipolisi bizera abasirikare?nimwihe inyishu.mbega umuntu yiswe ngo niwe ajejwe umutekano wawe akaza akaba ariwe akwica wumva wosubira kumwizera?mbega kuberiki abapolisi bari batanguye kwica n’abasoda?Suko babona abasoda bababuza gusesa amaraso?igipolisi turamaze kubonako ari ic’umugambwe uri ku butegetsi kirakoreshwa.uruhinja rwonyene nirwo rutabibona.

  • NAGIRA MPANURE MARIYA URUMUNTU NTURIMANA HAMA KUBIYUMVIRA KO GACIYUBWENGE ARIWE MUZIGAKO URUKIZA RWO GUTER,UMUGUMUKO NTIMUMUZI BWA BUNDI AHO NTIYOBAHINDUKA MUMWISHIMIYE AJEJWE KWIVUNA UMWANSI NONE KUBA MUKWIJE IMINSI NKIYO NTIMUBONA KO MWABAYE IKIROBERI GA MWABATUTSI MWE NAHO NYE SI MWESE AHO MUBONA KO UKO MWAVYIBAZA ARIKO BIZOBAGENDEKERA RABA NKA KININDO ZA MUTANGA KIRIRI NAHANDI UWUNDI NANYIBUTSE JEWE SINTAHURA AHO MUGOMBA GUCANISHAMWABASODA N,ABAPOLISI NGO BIKUNDE VYANKE VYABABURIYE MUGISODA NIHO ATABAHUTU BARIYO BASHIGIKIYE CNDD-FDD NIBA MWAHERUKA IVYAKERA VYARAHINDUTSE NDABAHAMAGARIYE KUJA MU MATORA

  • wewe uvumana nagomba ndaguhanure ntuze ubisubire kuko ari bibi,umuntu naho woba umwanka ntiwomuvuma,hanyuma ndahamagarira abashikiranganje bacu ko barya bariko bagumuka aho bageze batokwitwa abagumutsi kuko bageze kurwego rwogukura abantu mu miduga bagaca bayitura ejo naho bazoturira umuntu kandi murazi kwarikwiyibutsa atagishasha kirimwo.Nimufate ingingo zibereye kugira muhagarike mumaguru masha birya bintu ahandiho barabambika umudari wibimaramare.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.