IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Rohero : Urugo rwa Tasiyano Sibomana rwasatswe n’igiporisi

Rohero : Urugo rwa Tasiyano Sibomana rwasatswe n’igiporisi

vendredi 7 Munyonyo 2014

Igiporisi cazindutse kirasaka mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu imwe mu mihana yo muri komine ya Ngagara na Rohero. Muri ukwo gusaka, umuhana wa Tasiyano Sibomana umuvugizi wa UPRONA hamwe n’umuhana w’umushingamateka Pasteur Ryahama yatowe mu ntara ya Kirundo ikaba nayo yasatswe.

Abo badasigana rero uko ari babiri basatswe, bakaba basanzwe bari mu murwi wishinze kwambika umutamana UPRONA. Amakuru twahawe na bamwe mu Badasigana, akavuga ko bibaza ko ayo masakwa yabaye muri iyo mihana co kimwe n’iyindi vyegeranye, yoba afitaniye isano n’amakuru yatanzwe n’ibinyamakuru vyo mu Burundi, avuga abantu bamaze iminsi bagisibije mu guteza umutekano muke, bambaye ibikoti birebire, bitwaje n’ibirwanisho.

Umwe muri abo Badasigana yayaze n’ikinyamakuru IGIHE, akaba yamenyesheje ko ukuri gukenewe kumenyekana kuri abo bantu bateye umudugararo mu gihugu, kandi amatohoza akaba ataho yegamiye.

Tukabibutsa ko ukwo gusaka kwabaye mu gihe abo bambaye ibikoti bakitwaza imipanga bivugwa ko boba bashitse muma makomine ya Bwiza. Abanyagihugu nabo, bo mu gisagara ca Bujumbura, bakabandanya gusaba ko igiporisi coreka bakabandanya umugambi wo kwirarira bari batanguye, mu gihe c’amasaha yo mw’ijoro, kugira bicungerere umutekano.

Muri iryo sakwa rero, akaba atanakimwe catowe ku rugo rwa Tasiyano Sibomana, nayo ku rugo rw’umushingamateka Ryahama hatowe umusipi w’igisoda, uwo mushingamateka, akavuga ko atawo yari bwahabone, ahubwo atazi n’ingene wahashitse.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ntacoroshe i Burundi pe mbega nubu za operations bita(BROCHETTES, CISHA MURI SYSTEME,SAFISHA,ZIRYE NIZIRI MUMAGI NA BACEMWO NTIBABONA) zirabandanya? Ni mureke Tatien ntaho bazinaniye na ba diplomes ba kiriba ondes. Igihe ibara rirwa mu Gatumba hafashwe leonce pour dire que ivyo tubimenyereye.Reka konona ayo mahera yabanyagihugu mukugura ibikoti birebire hahahahahhhhh

  • JAMAIS, DANS CE MONDE, LA HAINE N’APAISERA LA HAINE. JAMAIS, PARMI LES HOMMES, LA VIOLENCE NE METTRA FIN A LA VIOLENCE. JAMAIS LES BLESSURES NE SERONT GUERIES PAR LA VENGEANCE ET LES REPRESAILLES. IL NE RESTE QUE LE CHEMIN DE LA RECONCILIATION, DU DETACHEMENT ET DU PARDON. TELLE EST LA SAGESSE PROFONDE DE LA VIE.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.