IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ikigega co gushumbusha abahohotewe kirakenewe vyihutirwa

Ikigega co gushumbusha abahohotewe kirakenewe vyihutirwa

mardi 25 Ruheshi 2013

Leta y’Uburundi iteregerezwa kwubahiriza amategeko yateyeko umukono muvyo gushumbusha abagiriwe ihohoterwa. Ivyo ni ivyavugiwe mu ruganda rwo guhahana ivyiyumviro ku kuntu abahohotewe boshumbushwa, uruganda rwatunganijwe n’ishirahamwe katolika rigwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu ACAT Burundi.

Muri urwo ruganda abarwitavye barabiye hamwe ico amashirahamwe ya gateka ka zina muntu yokora mu kurwanya ihohoterwa rikorerwa kiremwa muntu. Umushingwa manza aburanira abagiriwe ihohoterwa bafashwa n’ishirahamwe katolika rigwanya ihohoterwa ACAT Burundi ngo leta itegerezwa kwubahirizwa amategeko yonyene yateyeko igikumu. Ayo mategeko ni nk’tegeko rihana ihohotewa ryo kiremwa muntu no gukurikiza ingingo ziri mu gitabu gishasha c’ukuntu imanza z’ivyaha ziburanishwa.

Kubw’umushingwamanza Lambert Nigarura, abakorewe ihohoterwa bategerezwa gushumbushwa na Leta nk’uko amategeko abitegekanya, hama Leta ikazoja kwishuza uwo yakoze iryo hohoterwa. Nk’uko umushingwamanza Lambert Nigarura yabandanije abivuga, amahera yo gushumbusha abo bantu Leta yoyategekanya mu mahera ihora ikoresha buri mwaka canke igasaba abasanzwe bafasha Uburundi kuko nabo bashobora guterera muri co kigega. Ariko uwo mushingwamanza wo muri ACAT Burundi asaba ko amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike boshigwa mu bo bazocungera ico kigega ntihagire aboca banyuruza ubwo buryo bwoba bugenewe abahohotewe.

Urwo ruganda rukaba rwari rwateguwe kuri uyu wa 25 Ruheshi mu ntumbero yo guhimbaza umusi mpuzamakungu urwanya ihohoterwa rigirirwa kiremwa muntu, umusi uhimbazwa buri genekerezo rya 26 Ruheshi ukwo umwaka utashe.


Patrick Wasso

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.