IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Inzego z’umutekano no kwivuna abansi ziteguye gucungera umutekano mu (...)

Inzego z’umutekano no kwivuna abansi ziteguye gucungera umutekano mu matora

mardi 28 Ndamukiza 2015

Inzego z’umutekano no kwivuna abansi z’Uburundi zirahumuriza abarundi n’amakungu ko ziteguye gukingira umutekano w’abarundi na cane cane mu gihe c’amatora. Aho bamenyesha ko bamaze gushiraho n’umugambi bise’’Plan Global de Sécurisation des Élections de 2015’’.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru co kuri uwu wa kabiri, inzego z’umutekano no kwivuna abansi zaramenyesha ko zitwararitse ikibazo c’umutekano na cane cane mu gihe c’amatora, aho bipfuza ko abayatunganya, abazoyacungera, abazokwitoza n’abazotora borangura ivyo bajejwe mu mahoro no mu mwidengemvyo ntangere.

Izo nzego ziramenyesha ko zateguye umugambi zo gukomeza umutekano w’amatora wiswe’’Plan Global de Sécurisation des Élections de 2015’’, aho bamenyesha ko muri uwo mugambi harimwo igisata gikomeye co kwibutsa abajejwe umutekano uruhara rwabo mu gihe c’amatora.

Baramenyesha kandi abarundi ko atawundi muntu n’umwe izo nzego ziriko zirasaba azifashe gucungera umutekano kuko zikwije, mu bitigiri no mu bikoresho, ivyo bakaba babishikirije inyuma yaho abari mu myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza badasiba kwagiriza inzego z’umutekano ko zikorana n’imbonerakure zo mu mugambwe wa CNDD-FDD, aho bamwe muribo bivugwa ko banahawe n’umwambaro wizo nzego z’umutekano.

Ku rukurukuru rumaze iminsi rukwiragizwa ko hari ibigwanisho bifise n’abanyagihugu, inzego z’umutekano no kwivuna abansi ziratera akamo abarundi bose, ko uwoba afise amakuru y’ahoba hari ivyo bigwanisho, aba amakuru y’imvaho canke yo gutohoza ko yokwegera mw’ibanga izo nzego, ko nabo bazoca bakorera kuri ayo makuru.


Alida S.

Messages

  • Kugugira twemere ivyo mutubwira banza mubeshuze ivyo abanyagihugu biboneye mutwereke ko abo bafashe ari abapolici b igihugu koko ubundi bwo ntituzorema

  • mbega muzocungera umutekano w’abo muzoba mwamaze? bacungere umutekano ubu bashikirize ico bifuza. ahari ibirwanisho naho barinda kuhababwira? ntimuzi aho mwabitanze? genda mubikureyo! izo nama zo guhuma amaso amakungu, turaziyamirije. amaraso y’abarundi muzoyabazwa bitebe bitebuke

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.