IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Isale : Umuntu atamenyekanye yatowe ikiziga

Isale : Umuntu atamenyekanye yatowe ikiziga

mardi 24 Rusama 2016, par egide

Ikiziga c’umuntu atamenyekanye catowe mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri muri komine Isale, intara ya Bujumbura.
Abanyagihugu bo mu karere katowemwo ico kiziga bavuga ko uwo muntu batamumenye.

Umutekano warahungabanye kandi i Nyagasasa mu ntara ya Bururi, aharashwe imodoka yo mu bwoko bwa FUSO yaguye mu mutego w’abantu bitwaje ibirwanisho, mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere.

Amafaranga ataramenyekana igitigiri niyo yasahuwe n’abo bantu bitwaje ibirwanisho, iyo modoka nayo ikaba yarononekaye, cane cane amapine yarashwe.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.