IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Kinama : Abantu bane barimwo umwana baguye mu gitero

Kinama : Abantu bane barimwo umwana baguye mu gitero

lundi 8 Ruhuhuma 2016, par egide

Mu gitero cabaye mw’ijoro ryo ku munsi wa gatandatu rishira uw’Imana, abantu bane nibo bapfuye, abarenga mirongo ibiri barakomeretswa n’amagerenade atatu yatewe mu bunywero bita kwa Ménard, buri mu Kinama.

Muri abo basize ubuzima muri ico gitero cakozwe n’abantu bataramenyekana, babiri ba mbere bapfiriye aho nyene, abandi babiri bakaba bapfiriye kwa muganga, hakaba harimwo n’umwana akiri muto yahitanwe n’izo gerenade mu gihe yariko adandaza amagi muri ubwo bunywero bwatewe.

Muri zone ya Musaga naho, abaporisi bariko barakizura baratewe gerenade, ariko ikaba yaguye mu rugo, ikomeretsa abanyagihugu umunani. N’abasirikare nyene bariko barakizura baratewe gerenade aho nyene ku Musaga, ariko ikaba ataco yononye.


IGIHE

Messages

  • Emwe Birababaje No Mukinama Hari Hatekereje Abo Bantu Nibahe Amahoro Abanyagihugu Kuko Turageramiwe Ahubwo Imana Nitabare Abayo Turahonye

  • Mana fasha abavandimwe babarundi arko bashatse na twe tuvuye mungando muzatwitabaze murebeko tutabikiza umwanzi frm muhanga rda

  • IMANA IBAKIRENAMBABAKOZENEZA

  • Kinama et Kamenge niho aba FDLR, Interahamwe, Imbonerakure be n’abicanyi ba bapolice, abasoda na abo Muri SNR bo kwa Nkurunziza, bacumbikiye, bitegurira kuja kwica abandi hitya no hino mu Burundi. Ubwo hazogera baterwe bimwe bikomeye kugira babone ko nabo bafise amaraso nk’aya bandi. Ni nabo bahisemwo kwica none ntakundi ni kubarwanya gushika bumve ko bibabaje kwica abandi.

  • Twebwe Abenegihugu,turasaba Ko, Musaga Mwopfuma Muyiha Ibihano Vyokuyifuta Kuko Burighe Niyo Yamamazwamwo Amabi.Ntakindi Yo Korerwa.Vyobavyiza Imana Ibikoze.Mana Dufashe Hano Mu Burundi.

  • Ababigize Ayo Maraso Arakabahumira.Naho Babundabunda Urupfu Rubundabunda Kumusumvya.

  • ariko kuki Nkurunziza ataraza hano ikigl ngo arebe ukuntu kigali iba icunzwe kandi ntamuntu utera za grenade. kuva 16h00abasirikare nabapolice bakwira hose ahantu hahurira abantu bentu benshi hose hafaho haba hari umuntu wambaye Civile urigukurikirana activite zose kuburyo ntanumuntu wapfa kumenya ikimugenza. ge mbona Abashinzwe umutekano muburundi harimo abatesi benshi ,canke ntibazi ivyobakora bahugira mu biyeri gusA .

  • None Abo bakora Ivyo Nibande? Mbehoho Abajejwe Umutekano Mumakaritiye Bakora Iki? Kugira Bagarukane Umutekano?

  • KWERI ABOBANTU BAKORA IVYO BOBIHEBA KUKO AMARASO YABO ATACO BAZIRA AZOBAHUMIRA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.