IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Kirundo : Interahamwe zagirizwa gukorana n’Imbonerakure imyimenyerezo ya (...)

Kirundo : Interahamwe zagirizwa gukorana n’Imbonerakure imyimenyerezo ya gisirikare

lundi 14 Ndamukiza 2014

Abajejwe intwaro mu ntara ya Kirundo barahakana amakuru avuga ko interahamwe zo mu gihugu c’Urwanda ziriko zinjizwa mu mugambwe CNDD FDD mu Kirundo, hama zigakorera hamwe imyimenyerezo ya gisirikare n’urwaruka rw’Imbonerakure. Révérien Nzigamasabo, buramatari w’intara ya Kirundo amenyesha ko ari intambara y’abanyeporitike.

Kuva mu mpera z’indwi twaraye dusozereye, mu ntara ya Kirundo havugwa amakuru y’abanyarwanda baharurwa mu majana icenda b’interahamwe bahunga ubutungane bw’igihugu c’Urwanda, bakaba bari nk’uko ayo makuru abivuga ku misozi ya Kiri, Gitwe, Kiyonza, Kigina na Ruhehe yo muri komine Bugabira. Ayo makuru nyene avuga hariko hararonderwa abanywanyi b’umugambwe Sahwanya FRODEBU batanze ayo makuru y’izo nterahamwe ziri mu Kirundo, mu nama yari yagirishijwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, uwukwivuna abansi n’uw’umutekano, ku genekerezo rya 3 Ndamukiza 2014.

JPEG - 48.5 ko
Nzigamasabo Révérien, buramatari w’intara ya Kirundo

Nk’uko abahurikiye mu mashirahamwe adaharanira inyungu za poritike mu Kirundo babimenyesha, bamwe muri abo banyarwanda bari mu Kirundo banse kwinjira mu Mbonerakure z’umugambwe CNDD FDDD, boba baca birukanwa ubutarariye, abavyemeye nabo bagaca bahabwa ubwenegihugu n’akazi, aho bagatanga akarorero k’uwitwa NTORANO Paul yahawe ikarata karangamuntu n’akazi kw’ivuriro ryo mu BISHISHA. Abandi bavugwa ni Ntamunoza Zacharie wo ku mutumba Mugombwa, umusozi Kiri, komine Bugabira, akaba yaje ava Muyira, Ntyazo, Butare mu Rwanda.

Abo banyarwanda bivugwa ko ari interahamwe boba bagira imyimenyerezo ya gisirikare bari kumwe n’Imbonerakure za CNDD FDD muri Ntega, Busoni hamwe na Bugabira. Abajejwe intwaro mu ntara ya Kirundo bariyamiriza ayo makuru, bakamenyesha ko ari ibihuha vy’abanyeporitike bashaka guca ivutu abanyagihugu.

Nzigamasabo Révérien, buramatari w’intara ya Kirundo amenyesha ko abavuga ko interahamwe zinjiye mu ntara arongoye bari bakwiye kumuzanira amazina hamwe n’aho baba, ari navyo vyokwemeza ko bavuga ukuri. Kubwa buramatari w’intara ya Kirundo, Reverien Nzigamasabo, abanyarwanda baba mu Kirundo baharurwa mu majana ane, kandi bahabaye bizwi n’amategeko, nk’uko no mu Rwanda hari abarundi bakwije vyangombwa baharangurira imirimo. Nzigamasabo Révérien ati : "Ibivugwa ni intambara y’abanyeporitike gusa."


Egide Nduwimana

Messages

  • Arik’ayo matiku muba mutanguye kuzana nayiki?? Ko mutatubariri iby’inyenzi ziriko zirakona nabaprona se? Gushirahamwe ntawe byishye.

  • Wandugu wapenzi wa Islamu,waKlistu, na kila mtu wowote ambaye kapenda inchi yetu.Amani ya Mwewnyezi Mungu awe ju yenu. Fungueni macho mukaone uhalibifu unaenderereya wa Makafiri ya WAHIMA wa BURUNDI,UGANDA,na RWANDA.Jewe nababwiye kuva kera ko haguma hategugwa ngen’imigambi y’Abahima idasiba gutegurwa,URWANDA gwaragomvye kwigarurira igice co muntara ya KIRUNDO bati mwanguha,basab’inzira yo kuja gutera TANZANIA bati mwanguha ngabo baragirij’intara ya KIRUNDO kw’ibits’Interahamwe,mbeg’izo nterahamwe zoba ziciyerereza mu RWANDA zanyegeyehe?umuntu wese yonyishura none aho ntamugambi mwumva wo guter’UBURUNDI bitwaje ko baje kuzihiga!!!!!!?turek’amoko yemwe BATWA,BAHUTU,BATUTSI,twiyamiriz’umuntu wese afis’umugambi wo goter’Igihugu cacu yitwaj’ibi canke biriya,ntakuntu bogabany’igihugu cacu bitwaj’Interahamwe bagomba ngene bimb’ama Miner eau nko muri CONGO canke ngo bahagir’inzira yo gutera TANZANIA oya oya,haguruka twiyamiriz’abo booooose bafis’imigamb’igayitse na cane cane Onyanga Anyanga ar’igikoresho co kuturwanya dufatanye munda ntamugambi RUHIMA uzotsinda,murakoze ALLAH Azigam’ABARUNDI n’UBURUNDI,n’Ababutuye n’Ababukunda bose.

  • Nagomba mpanur’abobantu numva bitw’IMBONERAKURE co kimwe n’ababatwara none burya ko bic’amatwi bakaguma basinziriye ibibavugwako ntibavyumva ou bien?niho babavuga ko batize ntibasoma?uwo Anyanga Onyanga ndamuzi ikigaragara co n’uwutokumv’ivy’avuga yobon’ivy’akora genda mu kazi kiwe unyereke abandi bantu yoba yerahay’akazi bo muba Cadres ndetse no muri bato bato ni b’ABAHIMA gusa cank’umu TUTSI yinyegeje akemera kw’arumuhima ereg’ivyo vyooooose nta gishasha kirimwo kuko biri muri yamigambi biyermeza ko bazokoresha ngo mpaka Piter ntazoshike muri 2015 Agitwar’IGIHUGU ariko boooose barihenda namb’izo MBONERAKURE zidasoma zitumv’ibizivugwako twebwe nk’abakunzi b’IGIHUGU tugomba dusabe l’Etat iduh’uruhusha tuje mumabarabara twitwaj’inyandiko gusa m’umutekano ntangere n’ubwitonzi kandi tuve mumoko yose ndetse n’UMUHIMA yanizwe azoze twifatanye mukwiyamiriza ANYANGA ONYANGA uwugomba kumeny’inkuru y’amvaho soma @rib kumakuru yayo yasohoye kur’uyu wa 12/04/2014 niho mwomeny’inkuru y’imvaho kuri ANYANGA ONYANGA burya arakwiye gutang’imihoho kuko n’aba nya Merika ubwabo barafis’ubwoba kur’uyo mugabo yatangaj’ivy’atatohoje,TURARUSHE,kandi TURAHAZ’INDYANE Z’ABANYE POLITIQUE;ariko ntituzocereza kuko abduserukira mbon’umengo bacurits’imitwe mu gucinyiza KAMINUZA gusa.

  • Les médias devraient oeuvrer pour la paix, la sécurité et la croissance économique, au lieu de faire appel àla violence, la haine et la destruction. Vous les Burundais devriez prendre des exemples de ce qui se sont passés au Rwanda, la Somalie, le Soudan du Sud et aujourd’hui en République centrafricaine et de revenir àla raison.

  • ararararara ndumiwe mbega umubeshi inkuru na buramatare atazi!!!.sha ariho uwayitanze bamurondere bamutware imbere ya buramatare aheze asigure icatumye . amurengera mukumuca pfuriza intara

  • Ariko hariho abantu bataribazima.muvaga Onyanga wewe arikukazi kiwe kandi agakora neza ahubwo nimba mura abarundi mwarikuvuga muti dukinge ibara ritaragwa ?nayo imisi yose mwandika muta amakosa kubandi imana yabaremye imitwe icuramye, nkuwo buramatari ivyabereye mumaso iwe yarase kuvyemera ubu niho aza kwemera ariko harico mwbagira mwabaDD raba icuti zabahezeko ?none mubaye abandi musigaranye ururimi rumwe?.Onyanga, Abahima,Abatutsi,ADC, maramara neza

  • umuntu yatanze iyinkuru sinovuga ko ari umusazi ahubwo arengeje gusara

  • UWATANZE IYINKURU ARAFISE IVYEMEZO CANKE NUGUKOKEZA YEMWE AMAJAMBO NINGWANO MUZINDI

  • nduwimimana egide: wihenze mugutohoza .sinterahamwe ahubwo mukirundo hari zankotanyi zinkoramaraso zasize zishe impunzi z abahutu zari muri RC CONGO (zaire)kuva mu 1996-2014 nuyu munsi ntizira hagarika ubwicanyi

  • Abobantu babonye ikinyoma cokuvugako imbonerakure zahawe ibirwanisho atacokigiye kubamarira kiretse ko bucabamaramazwa cankebabazwa icatumwe bashima kugambanira igihugu, nonebongeye guhimba ikindikinyoma ngo Interahamwe ngo zahoramurwanda ko zimukiye muburundi ngokubera ibibi bababakoze murwanda! Iyobijahose twahejeje kuhamenya it’s look’s like final and Empire Hima Tutsi aldready started none kuberiki bataqvuze kwarinkotanyi ziri mu Kirundi? Ivyobirafise icobisotera.

  • Mbega none karciye ingani igihugu cacu Imana yatwihereye gicike ikibuga c’indayimoni kandi incabwenge zuzuye. Ikebuke hakirikare cane cane Se barundi ahagurukire izo ntovyi. Bereke inzira itonona guko "urucira mukaso rugatwara nyoko"

  • Nibafunge uyo mugumutsi Leonce,hama bace birukana ako kagabo onyanga ananga,bagasubirize nuyundi ataho yegamira.(adahengama)muheze murabe ko ugwo ruhagarara tumazemwo imisi ko rudaca ruhera.murabona izo nkorabara zishaka kudusubiza mukaga.kandaho ruzopfa gukoma bace biyuririra indege.abe aritwebwe dusigara turamarana bitumukiye.ikindi mwomenya ,umwanya museveni na kagame bataravanwa kubutegetsi bazoguma bateza akajagari mwibi bihugu vyacu,bashaka kugira ibihugu vyiganjemwo abatutsi babahima gusa,ariko ntibazorohegwa mukubishikako.boshaka bokwitonda.

  • Ico ni "ikinyoma cambaye ubusa"! Nta nterahamwe n’imwe iri ku mutumba wa Kiri, abagomba guhumba nibarondere ibindi bajamwo ico nta muntu afise ubwenge yocemera!

  • hein,ivyo bifise ico bigamije gusa Nkurunziza n’imbonerakre ziwe babe maso!kuko biribonekeza ko KAGAME yamaze kwitegura,kugira atere uburundi.

  • mbega se ivyo bivurwa nivyo ? inyungu uburundi bufise mugucubikira interahamwe niyahe se? Mbega harya kagame azoshobora ingabo zuburunsi koko?

  • mbega se ivyo bivurwa nivyo ? inyungu uburundi bufise mugucubikira interahamwe niyahe se? Mbega harya kagame azoshobora ingabo zuburunsi koko?

  • mbega se ivyo bivurwa nivyo ? inyungu uburundi bufise mugucubikira interahamwe niyahe se? Mbega harya kagame azoshobora ingabo zuburunsi koko?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.