IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Komiseri Laurent Kabura:" Tumaze gufata ibirwanisho ijana "

Komiseri Laurent Kabura:" Tumaze gufata ibirwanisho ijana "

lundi 10 Myandagaro 2015

Komiseri Laurent Kabura arongoye umurwi wamaho ujejwe kurwanya ibirwanisho bito bito bikwiragiye mu gihugu,amenyesha ko kuva abakuru b’ibihugu vy’akarere ka Afrika y’Ubuseruko basavye ko ibirwanisho vyokurwa mu banyagihugu,ibirwanisho ijana arivyo bimaze gufatwa.

Laurent Kabura amenyesha ko intambamyi zituma igikorwa kidakorwa nkuko bavyipfuza,ari ikibazo c’uburyo kuko bisaba ko babanza gusigurira abafise ivyo birwanisho ingaruka mbi zo kubitunga kandi batabifitiye uburenganzira.

Ku bijanye n’ingene bakorana n’ibihugu bihana imbibe n’Uburundi,komiseri Laurent Kabura amenyesha ko,ku mbibe Uburundi buhana n’ibindi bihugu vyoroshe kwinjira canke gusohoka kuko hari inzira nyinshi,bigatuma hari ibirwanisho vyokwinjira mu gihugu vyoroshe.Avuga ariko ko hari inama iriko iratunganywa mu ntumbero yo gutorera inyishu ico kibazo.

Komiseri Laurent Kabura avuga ko naho ata buhinga buhanitse bwo gusaka ibirwanisho bafise mu murwi arongoye,biteguye gukorana n’abahinga baje gufasha muri ico gikorwa co gukura ibirwanisho mu banyagihugu.

Mwomenya ko ivyo abishikirije inyuma y’amasase menshi yumvikanye mw’ijoro ryo kuw’Imana,mu bice bimwe vy’igisagara ca Bujumbura.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Ibigwanisho ijana na Willy Nyamitwe abivuze haciye amezi abiri. Nimureke kuduhenda, icompa umunsi umwe hakazotunganywa amatora mu muco abarundi tukazohabwa ijambo tuzobashimira nkuko twashimiye Uprona kuvyiza muriko muradukorera

  • MBE HOHO MUKUBITANGA NTABWO MWabasiguriye ikibi cavyo?uburyo bwavuye hehe?

  • Ukwo Si Ukuvuga Ni uguhoganya!!Ubu Muremer Ko Biriho Ubwambere Ko Mwavyaka!!Twarabahinyuye Basha Mumenye Ko Ivyo Vyo Bizorangira,

  • Uyo mu commissaire muravye ifoto yiwe muyegereye mwogira yanyoye urumogi.

  • Mbega muyandi mazone ko mutajayo habayo abamarayika canke nikubera ariho muvyororeye imana nibahangaze

  • nta buhinga dufise muburundi turakenye .

  • Komeza turabashigikiye bujebuke nirworugendo, iconigukorwa cokuzokwamizako mbere ahomuvuyegusaka mugitondo bmmubishoboye musubireyo kumugoroba canke kuwundimusi ukurikira, kuko bahengera muheheje gusaka bakacabasana kubika ibirwanisho ahomwahejeje gusaka dutegerezwa kubateshumutwe mpaka hakuna kurara.

  • mana tubabarire kuko ibinyoma nivyinsh muba dutwara imani.mbere!

  • Ego naho mwigoye gukura ibigwanisho mubanyagihugu ,ikibazo kiraha. Mukuzironka bazihawe na bande ? Ahubwo ijambo nyamuru nimugerageze ubwicanyi buhagarare. Haboneke amahoro ntangere erega tunyotewe amahoro kandi kubura amahoro hariyo ibintu vyinshi bubura mubuzima bwabantu. 1 business kubona zidafadika nzo ginde neza kubijanye ibindazwa amasoko atarema neza 2 kubana umuntu abayeho kukavuyo nkako atazi ukuntu apfungura ? Canke ngo aje gusuma. Ivyo bintu banyakubahwa mujejwe igikogwa canyu nimurabe ko mwo garukira igihugu cacu cu bdi. Biramaramaje kubona ibindi bihugu bitunganiwe icu burundi tugume turi muruhagarara. Murakoze.

  • Onu (Pnud) yari yafashij uburund mu gukuribigwanisho mubanyagihugu babigendana batabifitiyuruhusha nikuberiki reta ya vyemeje ko atakigwanisho kikiri mubanyagihu.hamunomusi ngo twaronse inkohi jana bamureka kuvyongera abanyagihugu b’abatoye.

  • Onu (Pnud) yari yafashij uburund mu gukuribigwanisho mubanyagihugu babigendana batabifitiyuruhusha nikuberiki reta ya vyemeje ko atakigwanisho kikiri mubanyagihu.hamunomusi ngo twaronse inkohi jana bamureka kuvyongera abanyagihugu b’abatoye.

  • Onu (Pnud) yari yafashij uburund mu gukuribigwanisho mubanyagihugu babigendana batabifitiyuruhusha nikuberiki reta ya vyemeje ko atakigwanisho kikiri mubanyagihu.hamunomusi ngo twaronse inkohi jana bamureka kuvyongera abanyagihugu b’abatoye.

  • Ni bavugane na Denis Karera babwire imbonerakure babizane nko kumus’umwe boronka nk’2000. Ni baze barahenda abanyamahanga naho twebwe nababitunze turababona kandi bakorana n’abaporisi. Ariko umusi mutazi imana izobagaragaza mumenye yuko aho mwabukaranga twari musi y’ujo.

  • Ko mwanka ko inteko mvamakungu ziza kubisaka?mwebwe twarabahinyuye muhende abandi,nimwe mutanga izo nkoho muziha imbonerakure ahubwo mugenda mufata abanyagihugu mugira irementanya mubagiriza inkoho kuko mudasangiye umugambwe,EWE CNDD-FDD URAVUMWE.

  • Nabaze Adolphe bataramuhamba abahe liste y’abo yabihaye kandi asige atanze amafranga yofasha muri ico gikorwa

  • reka kwiteza utunyoni mubironderera mu biyamiriza ikiringo ca gatatu. ahubwo nyarukira mu mbonerakure mwabihaye kandi murabazi.mbe mushaka guhonya bamwe ko mubibaka mukabiha abandi? N’igitangaje; murara mubibatse mugaca mubarungikira imbonerakure zikaja kubatera, kubica. Aho nta soni mufise? Iyo buba ubw’umwe bwari ikindi!

  • ibirwanisho babinyegeza muma plafond yamazu ibindi bakabishingura hafiyurugo, police yamara kujabuka bagaca babigarukana.

  • Ayo maquartier ni aba bayo bagize manif bose bafise inkoho nibindi bigwanisho nukubamaso muhasake hose ngagara,nyakabiga,jabe,musaga

  • Uyo mu commisaire urumogi gose bafashe ngira niwe aca arunwa kandi gwaramushitse raba amaso yiwe ingene asa

  • mwe mukura ibirwanisho mu makambi yanyu,mukavyerekana kumboneshakure ngo nivyo mwafashe? Ayo manyanga twarayahaze murahenda banyoko banyu

  • none dusumbw’ urukundo nibikoko vyomwishamba? tugire ubukene nokwicana? nimuzetubenkabo ininewe IMANA itubabqrire mugabo ivyqrivyovyose lmbere nlheza

  • Nonega Bazotwica AKugezaryari? Nimugire Umutima Wikigongwe Mugeze Ngaho.Namba Mwarasishe Kumana?Amarashoyabamaje Gupfa.Imana Izoyabazande??.Ahubwosaba, Ikigongwe Imana,kubimaje Kuba.Muruyumwaka..!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.