IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Lieutenant Général Silas Ntigurirwa arakeza ubutwari bw’ingabo za (...)

Lieutenant Général Silas Ntigurirwa arakeza ubutwari bw’ingabo za AMISOM

jeudi 27 Ntwarante 2014

Inyuma y’amezi atanu gusa arongoye ingabo za AMISOM (African Union Mission in Somalia), Lieutenant Général Silas Ntigurirwa yizeza ko uwu mwaka w’2014 uzohera abarwanyi ba Al Shabab batujijwe muri Somariya, igihugu cose kikazoba kigenzurwa n’abasirikare ba Reta.

Kuva mu kwezi kwa Ntwarante 2014, biciye mw’itegeko 21-24 ry’inama nkuru y’umutekano mw’ishirahamwe mpuzmakungu ONU (Résolution 21-24), ingabo za AMISOM ziri mu gihugu ca Somariya zarahawe uburenganzira bwo gukora ibitero ku barwanyi ba Al Shabab, ari navyo vyatumye ibisagara bigera kuri cumi na bitanu vyigarurirwa bigashigwa mu minwe y’ingabo z’igihugu. Lieutenant Général Silas Ntigurirwa amenyesha ko vyavuye ku bwira n’ubukerebutsi bw’abasirikare b’abarundi, bari kumwe n’abo mu bindi bihugu nka Ouganda, Kenya, Djibouti, Sierra Léone, hamwe na Ethiopie iheruka guhamvya ibindi bihugu aho muri Somariya. Lieutenant Général Silas Ntigurirwa avuga ko ivyo bikorwa vy’ukugaruza ivyo bisagara 15 bitaboroheye, kuko abo barwanyi ba Al Shabab badakoresha intambara z’uguhangana n’ingabo za AMISOM, ahubwo bihambirirako ibisasu baheza bakiturikirizako.

JPEG - 1.1 Mo
Lieutenant Général Silas Ntigurirwa, arongoye ingabo za AMISOM

Reta ya Somariya, ibihashijwemwo n’ingabo za AMISOM (African Union Mission in Somalia), hamwe n’igendereza ry’igihugu ca Somariya, babandanya ibikorwa vy’ugukizura mu gisagara ca Mogadiscio n’ahandi, kugira batuze abo bihevyi. Babandanya kandi n’uguhimiriza abanyagihugu bo muri Somariya ko boza barerekana abo bihevyi aho binyegeje, bavavanure n’ingeso y’ukwibikira ikara mu gashambara.

Mw’ihangiro ingabo za AMISOM zihaye, Lieutenant Général Silas Ntigurirwa avuga nk’ukurwiza umutekano mu bisagara bigenzurwa n’ingabo za Reta ya Somariya, kugira abagira neza bashobore gushikira ata nkomanzi abanyagihugu biziziwe n’intambara, ubukene n’inzara vyugarije abanyagihugu inyuma y’imyaka irenga mirongo itatu bari mu ntureka z’urutavanavanako.


Egide Nduwimana

Messages

  • Komeza ubutwari igihugu cabarungitse cizigiye ko muzobishobora.

  • Numusirikare wintwari turamwizeye, ivyo avuze vyose azobishitsa twarakoranye arinubwira n’ubukerebutsi kandi yaraminuje.

  • Reka mwa bijuju vy’aba dd nimwemere ko niyo ntambwe mugezeko muri Somalia ari ukubera abasoda bacu b’inkkerebutsi b’aba FNL komera ku muheto ntwazangabo zacu

  • KOMERA WA MU GENERAL WE WIBIZURU!KUKO MUBISANZWE SIIIBO BONYE(ABO BIMIZURU)!

  • General abyibuha kugera nkuk’ iyi ngug’imeze gute? Mwagiye mugabanya guta munda ibirenz’urugero muga trenninga kwaribyo tubahembera mwa manfu mwe?

  • Bifaranga we uvuga ngo fnl niyo irwana muri somalia ? Wihenze cane kuko iyo fnl turazinanye we atavyo uzi ninumire hari abazi ibindi canke babonye nokubwira ko ntaco wigeze kumenya cndd uwayibonye arayizi.

  • Nikoye uziko uyu musilikari avuganubwenge nubushishozi’ yakomeje kwirinda guhayagiza aba silikari bomugihugu akomokamo yibanda kuvuga AMISOM jyendamwemeye! kukohariho abonkundakwumva iyobavuga ingabo zibazaragiye mubutumwa nkubungubu usanga umwanyamunini bagumabavugango ingabo zigihugucacu zabicyi biracyika ukazotegereza kobavuga ishyirahamwe ryabahamagaye bakoreraaamwo ukabura! Ukibazanimba arigihugu cagiye gutabara kugatwekaco kitarikumwe nibindibihugu. Nayo abavuzeko afise ibizuru binini sinzi icoyashatsekuvuga ariko iconzi nukodushimir’Imana koyaduhaye ibizuruvyoguhemukiramo (guhemeramwo) kuwavuzeko ivyabasirikari bagezeko muri Somalia arukubera abasoda baba FNL biramureba ariko icyonzinuko aringabo z’Africa. Kuwavuze kwavyibushyecyane ivyonikobimeze ngahakw’Isi kuko iyaba arimutomuto nubundi yarikuvugako ibyarya ngosinzi iyobijya!!! Ahakwisi nikobimeze byose nukubera ibyaha bikwega ubwibone nibindimurabiziby’Imana yangurunuka, ariko Imana ntabwoyanga abantubanini, ntabwoyanga abafize ibizuru. Namwenimurebe Imana iraremye umuntu imugize ukwari arikukumva umunturunaka ngo ibizuru! Mbega uneguye uwomuntu? canke uneguye Imana yamugize ukwari.? Mbegishyano!!!!!!!!!!!!!!!!!!!!

  • Kuvyibuha no kutavyibuha, ntaco bimaze kuko muri ivyo bihugu vyacu Utamiye ntutamure uba waratamitswe, kandi ngo;Bogutuka ngo;Urwari uruda Ntibakagutuke ngo;Ubwari Uburamba. Mubisazwe iwacu utavyibuha kandi atabuze ivy’arya bavugako arira ku gatima kabi canke ari RUTUKISHA ABAGABUZI! Kuvyibuha kuwifise vyahora vyerekana ku muntu atarira kunda mbi, Ntitwiyibagizeko kubari I Bulaya Amerika n’ahandi bavugako hateye imbere, kuvyibuha ni ubumuga! Amazuru yoyo ntawoyatebako kuko yose avamwo IBISERU/Ibisenya/Ibicurane kandi manini na mato;yose araba hasi. Ubu ngiye kugura Amazuru nogura iriraba hejuru;Kumbure ryotuma mpumurirwa/moterwa n’Ivyiza vyo mw’Ijuru.

  • BIFARANGA COMMENT TE SENTS TU AVEC TA BETISE KUVA 87 GUSHIKA 2009 MWARI MUMAZE GUKORA IKI NTABWO MWINJIYE MURI LETA Y’ABA DD BATANGUYE 1994 HAUJUWI UNACHOKISEMA LABDA HUENDA MUKAWATU MUNAJIPAKA.TUNAWAJUWA!!!

  • POPO UFISE FONCTION NYABAKI KUBURYO UVUGA UMUJENERARI NGO NI INGUNGE?YOU ARE VERY SILLY I THINK YOU DO KNOW WHAT YOU ARE SAIYING.

  • Ubwenge n ubushirasoni n ibintu bitandukanye. Ayo mazuru kuvyibuha ko muzi ubwenge data n’inde ubyiha sauf que mwebwe sanze bobagora muri analyse antipathique ku bantu nkabo utagira ubwenge ashima ubwe. Uwo mututse n ununtu Imana yaramye co kimwe na mwebwe

  • Mwebwe mwese mwanditse mutukana,kandi IMANA yacu yaturenye itavyerekwa.ndabasabiye igihano cokwamana amabara kumunwa yirabura,avanzemwo impongano yamosozi.kuko ndabonye abarundi bamwebamwe ntaco tucubaha,nsinzi kwari democratie yamaze kuba umurengera,yaho abantu musigaye mwiyibagira ico murico,mukiyibagiza niyaturemye,muntu witwa Rukoko ndagushimiye caaane kumpanuro uhejeje guha aba bantu ataco bibanga,kandi burya baruahuka nukuri.

  • vraiment un général san tenue de général dans un pays de généraux terroriste, vaut mieux lire l’histoire des pays avant d’être général. Kanatsinda nta kibazo yakoze kugira abe général. De toutes les façons , il ne l’est pas et il ne mérite pas.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.