IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Muri FORSC baragabisha ku mutekano wa Rwasa Agathon azotaha ejo aho (...)

Muri FORSC baragabisha ku mutekano wa Rwasa Agathon azotaha ejo aho bukera

lundi 5 Myandagaro 2013

Mu gihe hasigaye amasaha make Rwasa Agathon agashika mu gihugu inyuma y’imyaka itatu yari amaze mu buhingiro, mu runani rw’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike baranegura imvugo y’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu isa n’iyidahuye n’ivyo Nyenicubahiro umukuru w’igihugu yama avuga, aho ahamagarira abanyepolitike bari mu mahanga gutaha mu gihugu.

Edouard Nduwimana, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yamenyesheje ku nsamirizi Rema FM ko umuzo wa Rwasa Agathon ari nk’umurundi uwariwe wese yoba atashe mu gihugu.
Muri FORSC (Forum pour le Renforcement de la Societé Civile) bamenyesha ko Rwasa Agathon yahunze inyuma y’umutekano muke wakurikiye amatora yo mu mwaka w’2010 kandi ko nawe yari mubahiganwa. Kuri ivyo rero, umutekano wa Rwasa Agathon wokingirwa bikwiye. Gerturde Kazoviyo, umuvugizi wa FORSC yibutsa ko Rwasa Agathon yahunze ari umukuru w’umugambwe kandi ko hakiri abarundi bakimuyoboka, ari naco gituma Leta yari ikwiye gucungera umutekano wiwe.

Nk’uko bimenyeshwa na Aimé Magera, Rwasa Agathon azoboneka ku munsi w’ejo kuwa kabiri, isaha zine n’iminota cumi n’itanu. Abayoboke biwe bazokurikirana ibirori vyo kumwakira ahitwa kw’iraro. Aimé Magera amenyesha kandi ko Rwasa Agathon aje kubandanya ibikorwa vya politike, akaba aje n’ukwitegurira amatora yo mu mwaka w’2015.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.